Imigenderanire y'uburundi na Congo irashobora kuba itifashe neza.
Icuka siciza hagati ya leta y’Uburundi hamwe na leta ya Congo, hakaba hariko haribonekeza inyifato yerekana ko Imigenderanire y'ivyo bihugu itameze neza. Imvo ngo n’amatongo y’ubuserukizi bw’uburundi mu gihugu ca Congo yoba yarihagiwe n’ico gihugu. Ivyo bikaba biri uko mugihe hagati y’uburundi n’amakungu kuva mu 2015 hagumye hibonekeza icuka kitameze neza.
Ntivyari bimenyerewe knadi kuri bamwe biteye amakenga ibiriko biravurwa ko imigenderanire yoba itifashe neza hagati y’igihugu c'uburundi hamwe n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Bamwe bakaba bariko baravuga ko ashobora kuba ari uyundi mukino ufise ibindi bintu ugamije wa leta y’uburundi.
Yamara naho biruko leta y’uburundi yoyo ibicishije k'umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'ibindi bihugu Albert Shingiro yarandikiye ubuserukizi bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu ntumbero yo kugabisha ico gihugu Intandaro y'iryo gabisha ngo akaba ari amatati bivurwa ko yavuye ku matongo y'ubuserukizi bw'uburundi mu gihugu ca Congo yoba yarihagiwe n'ico gihugu.
Leta y-uburundi ikagabisha ubuserukizi bw'ico gihugu mu Burundi ko imbere y'itarike ya 31 kigarama 2021 atagikozwe , ivy'amatongo y'ubuserukizi bw'uburundi I Kinshansa nayo izokora ku matongo y'ubuserukizi bwa congo ari I Burundi. Ni ukuvuga ko uburundi nabwo buzoca bwihagira amatongo y'ubuserukizi bwa Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu Burundi.
Abihweza ibintu n'ibindi rero bakavuga ko bitangaje cane ko uburundi na Congo badahuriza kubutaka bw'ubuserukizi bw'ivyo bihugu mugihe bizwi ko igihugu c’uburundi cama carungitse abasirikare baco kurondera abatavuga rumwe nabo bari ku butaka bwa congo, eka mbere n'imbonerakure zikaba zama zigirira imyimenyerezo ya gisirikare murico gihugu, Bamwe bakibaza nyimba ari uwundi mu kenyuro wo gushaka guhenda abarundi n'amakungu ,canke ari ukutumvikana vyukuri. Abandi banyagihugu baganiriye na Radio Haguruka batashimye kuvugira kuri micro zacu, batubwiye ko ivy' uburundi bisigaye bibagoye gutahura ngo kuko akenshi ivyo bavuga biba bitandukanye nukuri.
Inkuru yanditswe na Mahoro Patient.