Hari ikindi gitero cabaye kw'ibarabara rya Muramvya cahitanye abantu barenga umunani 8 10.
Ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 09 Rusama 2021, guhera isaha imwe n’iminota 50 ku mbuga ngurukanabumenyi niho hatangura kumvikana amakuru ajanye n’ico gitero, aho haboneka ama audio atari make arimwo amarira n’amaborogo yabatabariza abaguye muri ico gitero.
Ico gitero cabereye kw'ibarabara rya Muramvya-Bujumbura urenganye ku Mubarazi, hafi ya Croix-Rouge. Kikaba cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bategereye imodoka zariko zimanuka i Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi izindi nazo ziduga mu ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa politique, hakaba hamaze kumenyekana ko haturiye imodoka zibiri izindi bazimijagiramwo amasase n’amagerenade. Izo modoka zatewe bikaba bivurwa ko harimwo izo mu bwoko bwa Probox hamwe na bisi y’ishirahamwe Volcano.
Umushikiranganji bw’umutekano ntibwatevye kugira ico bubivugako. Babicishije ku rubuga rwabwo rwa Twitter bakaba bamenyesheje muri iryo joro nyene ko hari hamaze gupfa abantu umunani n'abandi batazwi igitigiri bakomeretse. Ubwo bushikiranganji kandi muriryo joro nyene bamenyesheje ko abateye bari abasuma bitwaje ibirwanisho kandi ko bagiye bivye, ariko mu ma audio yaciye ku mbuga ngurukana bumenyi, harimwo abashoboye kuvuga ko abakoze ico gitero atakintu nakimwe bagiye bivye ngo bahejeje gukora ico gitero baca barigira.
Nibwo bwambere Evariste Ndayishimiye ahojeje Abarundi bagandaguwe. Ariko igitangaje yemeza ko abakora mwenivyo bitero ngo arabasuma.
Inyuma yigitero cabaye ku w’Imana igenekerezo rya 09 Rusama 2021 umukuru w’igihugu c’Uburundi ntiyatevye kugira ico ashikirije. Kurubuga rwiwe rwa Twitter akaba yanditse ati : Nduguruye twa mugina «Turababajwe n’abambuzi baraye basubiriye guhekura Uburundi. Ibigeragezo ntibizobura kubaho ariko aragowe uwo bizovako. Abagizi ba nabi bose bategerezwa gutuzwa, Turaremesheje imiryango yababuze » Ndugaye twamugina.
Ivyo umukuru w’igihugu yashikirije vyaje bikwirikira ivyashikirijwe kurundi rubuga rwa Twitter rw’ubushikiranganji bw’umutekano, Intwaro yo hagati hamwe n’iterambere ridakumira aho bamenyesheje abakoze ico gitero bari abasuma bitwaje ibirwanisho kandi ko bagiye bivye. yamara naho naho ubwo bushikiranganji bwashikirije ivyo hari ayandi makuru yamenyesheje ko abo bakoze ico gitero atakintu ntanikimwe bagiye bivye. Ivyo bikaba kandi vy’umvikanye no mubutumwa bw’amajwi bwacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi nkuko nkuko twavyiyumviye aho hari uwariko aremeza ko atakintu na kimwe bagiye bivye.
Abanyagihugu batari bake baribaza ku biriko bibera mu gihugu c’uburundi aho hamaze imisi hibonekeza ibitero be n’imitego ku mabarabara vy’umurwi w’abitwaje ibirwanisho utaramenyekana. Mu makuru ariko aravurwa kuboba bakoze ico gitero, bamwe mu begereye leta y’uburundi bagiriza abarwanyi b’umuhari Red-Tabara ko bashobora kuba aribo bakoze ico gitero, abandi nabo bakavyagiriza bamwe mu basirikare b’ifisoda c’Uburundi badashigikiye intwaro ihari ko bashobora kuba aribo bagikoze eka mbere hari n’abavyagiriza bamwe mu rwaruka rw’umuhari w’Imbonerakure ko aribo bashobora kuba bakoze ico gitero.
Ivyo rero naho bivurwa gutyo Uburorero bafatirako akaba ari igitero caheruka kubera muri komine Rusaka mu ntara ya Mwaro aho abantu 8 bishwe barashwe n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho utamenyekanye ubasanze m’ubunywero bariko bivuna akanyota. Hamwe n’akandi Karorero kuwundi mutego wabitwaje ibirwanisho wakozwe ku modoa yarimwo Ingenzi wabereye kw’ibarabara rya RN7 neza na neza aho bita ku Muhabo muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi aho batatu muri batanu bari mw’iyo modokari baciye baraswa baritaba Imana ubwonyene imodokari barimwo ica iraturirwa irasha iratokombera.
Abagera kuri kuri 13 harimwo abajejwe umutekano babiri barimwo intwazangabo nibo bamaze kumenyekana ko bagiye murico gitero.
Abo bantu cumi na batatu bamaze kwitaba Imana, hari bamwe bishwe n’amasase abandi baturirirwa mu modoka mugihe abandi bagiye baracikanira mu nzira bajanywe kwa Muganga.
1. Colonel Onesphore Nizigiyimana, intwazangabo y’Uburundi ivuka muri komine Mwumba mu ntara ya Ngozi ikaba yakorera i Addis-Abeba muri Ethiopia mu rwego bita East Africa Standby Force (EASF). Iyo ntwazangabo bivugwa ko iri mu ntwazangabo zakoreye amahano A barundi badashigikiye intwaro ya CNDD-FDD. Imodoka yarimwo ikaba ariyo yari imbere y’izindi igirako iraturirwa. Umwe mu bana ba Colonel Nizigiyimana yatuririwe mu modoka, umukenyezi n’abandi bana babiri b’umuhisi bararokotse naho n’abo nyene barashwe.
2. Keitha Muco. Uwo ni umwana wa Colonel Nizigiyimana yatuririwe mu modoka Toyota Probox.
3. Ingénieur Canesius Ndayiragije yatuririwe mu modoka yiwe Toyota Probox. Abamuzi bavuga ko yari yikorera ivyiwe mu gisata co kwubaka amazu no kwunguruza abantu n’ibintu.
4. Venerand Simbashizweko yatuririwe muri Probox ya Canesius Ndayiragije. Venerand yari umugoronome yakorera mu ntara ya Gitega.
5. Fidèle Yamuremye, umukozi w’ibanki nkuru y’igihugu BRB i Gitega.
6.Floribert Kwizera, umukozi w’ibanki BCB i Gitega.
7. Ferdinand Munezero, umuririmvyi mw’ishengero rya Pentekoti mu Maramvya.
8. APC Déo Nikobahoze bamwe bazi kw’izina rya Abdallah, umupolisi agendenira icegera c’umukuru wa 4ème GMIR.
9. Anaclet Hakizimana, umukozi w’inama nkenguzamateka i Gitega.
10. Umwana yitwa Mia Maella Mushoboze.
11. Dyna Revocate Habonimana, umukenyezi aba ku Wankana mu gisagara ca Gitega.
Inkuru yanditswe na Kamikazi Jeannette.