Biramaze iminsi mu bice bimwe bimwe bvyegereye uruzi Rusizi hamwe n’Ikiyaga Tanganyika na cane cane muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura-Rural be no muri komine Gihanga intara ya Bubanza bihana urubibe hararengewe n'imyuzure y'amazi iteye ubwoba abanyagihugu batari bake baramaze guta izabo barahunga kubera iyo myuzurira y’amazi y’uruzi Rusizi rugabura Uburundi na Kongo hamwe n’ikiyaga Tanganyika.
Mugihe abanyagihugu bamaze igihe bidogera abategetsi batandukanye ko babatereranye muri ako kaga barimwo, Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere kuri uyumusi wa mbere yagendeye komine Mutimbuzi ama zone ya Gatumba na Rukaramu asanzwe ari mu ntara ya Bujumbura ibibanza bisanzwe vyarasinzikajwe nayo mazi.
Uyo mushikiranganji Gerevazi Ndirakobuca batazira Ndakugarika, yamenyesheje ko ako karere kose Reta iriko iriga ko yoshobora kutwimuramwo abanyagihugu bahaba burundu, ivyo atabona kumwe n’abanyagihugu yari yagendeye. Yamara naho biruko Umushikiranganji wewe akaba yahamagariye abafasha reta ko boyifata mu mugongo kugira ngo ishobore kurangura ico gikorwa.
Abanyagihugu rero bo muturere twatewe niyo myuzurira, basaba reta y’uburundi ko itobandanya ifata minenerwe ico kibazo c’abo banyagihugu ngo kuko bari mu ngorane zitagira igipimo. Bakamenyesha ko muvyo kubafasha vyihutirwa harimwo kubaronderera ico bashobora gufungura ngo na cane cane abafise abana ngo kuko bugarijwe na kigoyi. Aho ni mugihe abatunzwe n'imyuga imwe imwe nk'uburovyi muri ico kiyaga n’abirimizi bose bemeza ko ubuzima bbwahagaze.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.