• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abarundi babona ko kw'ita umukuru w'ikindi gihugu umuvyeyi w'abarundi vyerekana ko Evariste Ndayishimiye adashoboye amabanga ajejwe.

Abarundi babona ko kw'ita umukuru w'ikindi gihugu umuvyeyi w'abarundi vyerekana ko Evariste Ndayishimiye adashoboye amabanga ajejwe.

Inyifato y’umukuru w’igihug Evariste Ndayishimiye yo gufata umukuru w’igihugu c’Ubuganda nk-umuvyeyi w’uburundi irateye isoni kandi iramaramaje kugihugu  kimaze kimyaka itari mike c’ikukiye. Ivyo bikaba bivurwa n’abanyagihugu inyuma yaho baboneye ireresi itembera ku mbuga ngurukanbumenyi yerekana ingene Evariste Ndayishimiye yabwiye Yoweli Kaguta Museveni ko ariwe muvyeyi w’abarundi. Bamwe murabo banyagihugu bamenyesha ko ivyo vyerekana ko umukuru w’igihugu c’uburundi adashoboye amabanga yo kurongora igihugu.

 

Mu rugendo yamazemwo imisi 3 mu gihugu c’Ubuganda, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarabonanye na mugenziwe Yoweli Kaguta Museveni arongoye igihugu c’Ubuganda ubona ko yari yitavye ibirori vyo kwimika uyo mukuru wico gihugu kongera kurongora igihugu ca Uganda. Bakaba rero baraganiye mu mubonano bagiranye kuvyo gufashanya hagati y’uburundi na Uganda.

Muri uwo mubonano, mugihe umukuru wigihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye yahabwa umwanya kugira ngo ashobore kugira ico ashikirije yagize ati nduguruye twamugina :ˮnyakubahwa Mukuru w’igihugu, wewe tugufata nk’umuvyeyi w’igihugu cacu kuko waritanze wewe nyene mukugira turonke amahoro ndetse habe no gusubiza hamwe mu barundi. Ivyo rero bikaba vyarabonetse mw’ireresi yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi bigatuma abatari bake baheza bakagira ico babivuzeko.

Abanyagihugu bamwe bavuga ko umukuru w’igihugu yakoresheje imvugo isuzuguza igihugu arongoye ngo kuko uburundi bwamye ari igihugu c’igenga kandi atawundi muntu wo hanze yaco yokirongora canke aciyitirire. Bakongera bati iyo mvugo iranerekana ko bishoboka ko adashoboye amabanga yo kurongora uburundi bigatuma yumva ko atari umukuru w’igihugu yuzuye nkabandi. Hakaba n’abavuga ko ari n’ingeso yiwe ngo kuko n’igihe yagendera mugenziwe w’igihugu ca Tanzaniya umuhisi Perezida John Pombe Magufuli, Evariste Ndayishimiye yamwise se wiwe yongera yita umuhisi Petero Nkurunziza ko ari sekuru wiwe.

Abo banyagihugu babandanya bamenyesha ko abarundi hari hamaze kurengerana ko babandanya barongorwa n’abantu bacapfuza igihugu canke bateza urubwa igihugu. Bagasaba Evariste Ndayishimiye ko ngo mugihe atoba ashoboye kurongora igihugu ngo yotanga imihoho akabisa uwundi ashobora guserukira igihugu imbere y’abanyagihugu n’amakungu ngo areke kubandanya amera nkuwukorera mu kwaha kuwundi mugabo ngo kuko ivy' igihugu uno musi atawundi bibazwa atariwe.

Abandi banyagihugu bavuganye na Radio-Haguruka bakaba bamenyeshako no kwita umukuru w'igihugu c'ubuganda umuvyeyi w'abarundi ngo nigitutsi kidasanzwe,ngo kuko kuva haduka indyane mu Burundi mu mwaka wa 2015 Yoweli Museveni yari yagenwe kuba umuhuza wabarundi ngo yamara akaba atakintu nakimwe yigeze akora ngo ashobore gufasha gusubiza hamwe abarundi, gushika nuno musi inganda zikaba zigitikira.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !