• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abarundi babandanya kwagiriza igiporisi c'iperereza ko arico kinyuruza abantu.

Abarundi babandanya kwagiriza igiporisi c'iperereza ko arico kinyuruza abantu.

 

 

 

Ivyo kunyuruza abarundi vyasubiye kwibonekeza kurugero ruteye ubwoba, hari umunyagihugu azwi ku mazina ya Harerimana Charles yanyurujwe n’inzego z’iperereza kuri uyu waw a gatandatu igenekerezo rya 15 Rusama 2021.

Uwo munyagihugu nkuko amakuru twashoboye kuronka abivuga, yavuka  muri Komune Mabanda province Makamba zone Gitara umutumba Kabira hafi ya mushara, amaze gukukuruka mu gisoda ca kera yavuga ubutumwa muka Église Kaba Engican aho bita ku Muremure aho bita Imutobo -Gahama.

Nkuko amakuru twarose abandanya abitubwira uwo munyagihugu yaravuye kwiryo shengero yakorerako afise n’ipikipiki yiwe yagenderako bakaba bamutwaranye niyo Pikipiki gushika nubu akaba atawurasubira kumukubita ijisho.

Umuryango n’ababanyi biwe bakaba bamaze igihe barondera mu busho butandukanye yamara bakaba ataniyambu y’uwabo barigera baronka.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !