Habuze iki kugira reta y’uburundi imenyeshe abarundi n’amakungu abirirwa barakora ibitero mu gihugu.
Mw’ijoro ryakeye ryo ku wa 18 Rusama rishira iryo ku wa 19 Rusama 2021, ku mutumba Fota Zone Buziracanda, Komine Ndava intara ya Mwaro, hafi igihe c’isaha z’itanu z’ijoro, hari umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bateye kuri Komisariya y’igiporisi ca Komine Ndava. Nkuko amakuru ava ahabereye ico gitero abivuga, ngo barabomoye ibiro vy’inyamiramabi (OPJ) ya Komine Ndava bongera baramenagura ibiro vya Komiseri atwara iyo Komine ya Ndava.
Ayo makuru nyene, abandanya amenyesha ko umu polisi yari kw’izamu ngo yagiye yumva hatanguye kuvuga amasase, nawe aca ahitamwo kuyanyaga ariruka. Uyo murwi wari wateye nawo uca ubandanya kuhamijagira urudavagi rw’amasase menshi ivyatumye abantu bagira ubwoba budasanzwe.
Abo bakoze ico gitero ngo bahejeje gukora ivyo bintu, bakaba baciye bisubirira inyuma ataco binona. Ngo bariko barasubira inyuma, niko guhura n’umunyagihugu yitwaje umupanga yoba yaragiye kuraba ibiriko biraba azwi ku mazina ya Ngendakuriyo Dismas baca baramurasa amasase aca yitaba Imana.
Ivyo bibaye mu gihe haheze igihe haba ibitero vy’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho mu mihingo itandukanye y’igihugu c’uburundi. Rimwe na rimwe ivyo bitero bigahitana ubuzima bw’abantu, abandi Imana igakinga bakarokoka. Aho n’imugihe hari n’abanyagihugu barara ntibuca kubera ubwoba bw’inkoho n’amagrenades bumva vyasirana.
Igitero giheruka kuba kw’ibarabara rya Bujumbura Gitega neza na neza mu ntara ya Muramvya, carahitanye abanyagihugu batari bake kandi murabo, hakaba harimwo abari mu nzego z’umutekano na gisirikare nabo nyene baguye murico gitero.
Yaba ubushikiranganji bw’umutekano canke mbere umukuru w’igihugu ubwiwe, bamenyesheje abarundi ico gitero kikiba ko abakoze ico gitero ari umurwi w’abambuzi n’abasuma. Yamara ntibarigera berekana abo basuma gushika n’uno musi. Icabarundi babona n’ifatwa ry’inzirakarengane ryirirwa rirakorwa n’abakozi b’igipolisi c’uburundi ku musi ku musi.
Abanyagihugu bamwe muri kino gihe bafise amakenga ku bakora ivyo bitero bati n’imba atari reta ubwayo ituma abagira ivyo bitero, n’iyerekane uwo murwi w’abantu bakora ivyo bitero kandi inzego z’umutekano z’ifise abaporisi n’abasirikare batari bake.
Uko biri kose naho reta y’uburundi iguma mu gacerere, Abarundi n’amakungu barakeneye kuronka umuco wikiriko kiratuma Abarundi bagandagurwa abandi baja mu bwoba butagira uko bungana. Abandi Barundi bobo bamenyesha ko bamaze guca ubwenge batakibandanya babeshwa n’abategetsi ngo ntagukeka hariho abantu bariko bararwanya intwaro ya CNDD-FDD kandi bakoresheje ibirwanisho.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.