Burambi : Umwigeme azwi ku mazina ya Filomene mwene Kazavuba yagandaguwe.
Â
Â
Ubwo bw’icanyi bwishano bwabaye kumutaga wo kuri uyu musi wa gatatu igenekerezo rya 19 Rusama 2021. bikaba vyabereye muri Komine Burambi, umutumba Gitaramuka Zone Murago mu ntara ya Rumonge, aho umwigeme azwi ku mazina ya Filomena yakerewe bunyamaswa. Uyo mw’igeme akaba yari umwana w’uwo bita Kazavuba. Bakaba basanze uwo mwigeme ari ikiziga mbere n’umutwe bawukuyeko igihe c’isaha zitanu z’umurango.
Abanyagihugu bo kuri uyo mutumba, bamenyesha ko uwo mukobwa ngo ashobora kuba yagandaguwe biturutse ku mafaranga yaheruka kurungikwa na musazawe azwi ku mazina ya Alexis ari mumahanga. Ayo mafaranga akaba yari yayarungitse ngo kugira bashobore gukora neza inzu ngo kuko bariko baritegurira urubanza rwo kuganduka kuri Maman wabo.
Nkuko ayo makuru abandanya abimenyesha, ngo uwo mwigeme ashobora kuba yagandaguwe n’umukozi wabo yakora mu ndimo akongera agakwirikirana ibitungwa vyinka azwi ku mazina ya Appolinaire ngo kugira ngo ashobore kumutwara amafaranga yoba yari yamubonanye. Amafaranga bivurwa ko ari ayo yaheruka kurungikwa na Musazawe Alexis. Mukwikeka uyo mukozi appolinaire ngo ni uko bamurondeye kuva iryo bara rikirwa, yamara bakaba batiregera bamubona gushika n’ubu. Abo banyagihugu bagasaba reta gukora ibishoboka vyose ihagarike ubusuma bwabaye ndase.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.
Â