Uburundi bwaraye buhakanye ko haba uruhara rwo gukingira no gukinga ihonyabwoko n’ibindi vyaha vy’agahomerabunwa.
Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Rusama I New York, ku cicaro gikuru c-ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amahoro n’umutekano kwisi, hakorana inama ya bose y’ibihugu biri muri iryo shirahamwe inama yari yerekeye gutora canke guhana itegeko ryerekeye uruhara rwo gukingira no gukinga ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara, n’ivyaha vy’agahomerabunwa.
Ibihugu 115 vyaraye vyemeje iryo tegeko mu gutora EGO muri ayo matora. Nayo ibihugu bigera kuri 28 ntaco vyari vuzeko. Ariko ibihugu 14 harimwo n’igihugu c’u Burundi, koreya ya ruguru, Kyrgyzstan, Nicaragua, Zimbabwe, Venezuela, Indonesia, Belarus, Eritreya, Boliviya, Uburusiya, ubushinwa, Misiri, Cuba na Syria vyarahakanye iryo tegeko mu gutora OYA.
Bamwe n’abandi haba mu banye politique, abaharanira agateka akazinamuntu, abakenyezi mbere n’abandi banyagihugu twaganiriye, batubwiye ko kuba igihugu c’uburundi caraye gihakanye iryo tegeko, ngo nicemezo kitabesha ko ibimaze igihe bivurwa n’abatari bake leta y’uburundi iriko irategura gushobora kugira ihonyabwoko ko bishobora kuba arivyo. Murabo twaganiriye hari n’abatubwiyeko ihonyabwoko ngo ryamaze gutangura mu burundi tubabajije ico bafatirako bavuzeko atamusi numwe ucijana abarundi batagandaguwe, batanyurujwe, badahagaritswe bidakurikije amategeko. Bati igisigaye ntakindi atari ubwicanyi bwishano bushobora kwaduka abantu barorera.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.