Abanyagihugu ntibashima itegeko ryaraye ritowe n’abashingamateka. Vyoba vyavuye kuki ?
Hari kuruyu musi wakane igenekerezo rya 20 Rusama 2021 aho Inama Nshingamateka y’uburundi yari yakoranye mu ntumbero yo guhinyanyura itegeko N°1/06 ryo kuwa 10 ntwarante 2020 rijanye no guha Ikidari c'Icubahiro Petero Nkurunziza, itegeko ryamugira Imboneza yamaho mu gukunda no gukundisha Igihugu.
Yamara akaba yahavuye yitaba Imana atabaye iyo mboneza yamaho. Umushikiranganji w'ubutungane niwe yari umutumire mu ngoro y'amakoraniro mu Kigobe kugira ngo asigurE ibijanye n'iyo mpinyanyuro. Muvyo abo bashingamateka basavye ngo uko Umusi mukuru wahariwe gukunda Igihugu wohora uhimbazwa kw’igenekerezo rya 8 ruheshi uko umwaka utashe, itariki izoba ihuye n'umusi umuhisi Petero Nkurunziza yapfirako.
Nayo mugihe itegeko ryahahora ryategekanya ko ibirori vyuwo musi vyohora birongorwa na Petero Nkurunziza Nkimboneza yamaho, abo bashingamateka basavye ko vyoheza bikarongorwa na Evariste Ndayishimiye asanzwe ariwe mu kuru w’igihugu. Imvo ngo ni uko Petero Nkurunziza atakihari.
Abo bashingamateka kandi banasavye ko hoshirwaho Fondation yitiriwe Petero Nkurunziza, ngo isanamu yiwe ishirwe ku noti, amabarabara amwamwe yitirirwe izina ryiwe n'ibindi. Ariko murabo bashingamateka, uruhande rw’abashingamateka b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa ntibaritoye n’aho amajwi yabo ataco yashoboye guhindura.
Abanyagihugu baganiriye na Radio Haguruka, bamenyesha ko kwoba ari uguhemukira uburundi n’abarundi mugihe ivyo vyose vyadondaguwe vyokorerwa umuhisi Petero Nkurunziza. Ngo kubera yuko uyo muhisi kiretse guteza akaga n’akajagari, ubwicanyi, kwangaza abarundi kubapfunga mbere no kubakorera ayandi mahano ngo ntaciza n’akimwe cotuma akorerwa ibintu nkivyo.
Sivyo gusa hari n’umunyagihugu yatumenyeshe ati « Nduguruye twamugina agatongo kanje katwawe na Nkurunziza, nubu ngiye kuzokwitura ubutungane hanyuma baheze bashire ku mafaranga nzoza ndabona ? Oyaaaaaa kizoba ari igitutsi kidasanzwe ». Natwe mu ruganda rwa Radio Haguruka tuti reka tubitege amaso.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.
Partager cet article !