• Home
  • ACTUALITÉS
  • Amategeko mpuzamakungu akingira impunzi kw'isi ngo ageze kubarundi ntakurikizwa.

Amategeko mpuzamakungu akingira impunzi kw'isi ngo ageze kubarundi ntakurikizwa.

 

 

Abarundi bahungiye mu bihugu bitandukanye bihana urubibe n’igihugu c’Uburundi barasugerejwe n’ibibazo bitandukanye harimwo n’inzara. Abo barundi bakababazwa nukubona amategeko mpuzamakungu akingira impunzi kwisi ku barundi adaheza ngo akurikizwe.

Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Lusenda iri muri teritware ya Fizi, intara ya Kivu y’Epfo muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo muri kino gihe ziratabaza umuntu wese yoshobora kubagarukirako kuko badafise ico bashira ku munwa. Abo barundi bakaba bamenyesha ko bamaze amezi agera kuri atatu badahabwa amafaranga yo kugura ibifungurwa, nkuko vyari bisanzwe bigenda.

Nkuko twabiyagiwe n’abamwe muri abo barundi bari muri iyo kambi ya Lusenda, batumenyesheje ko abafise abana bafise ubwoba ko abana bagiye kwicwa niyo nzara ngo kuko batabona ikindi kintu boshobora gukora kugira ngo baronke ico babagaburira. Nayo bamwe muribo ngo baza batanguye kugurisha ibikoresho vyo munzu kugira ngo barabe ko boba baramaze kabiri, mugihe hari n’abatanguye kuja mu ngeso mbi z’ubuhumbu mu kurondera icorirenza.

Bamwe rero muri abo barundi bakaba bafise agahinda kadasanzwe aho bamenyesha ko ibiriko biraba ngo batabitahura. Bamwe bati none amategeko mpuzamakungu asanzwe akingira impunzi iyo ageze ku barundi yoba adaheza ngo akore ? Abandi bati biragaragara ko amakungu cane cane ishirahamwe mpuzamakungu HCR ririko rirarondera kudutahana kunguvu mu burundi kugira ngo tugandagurwe n’imbonerakure bati mugabo barabesha kumbure Imana irashobora kuturindira muraya makuba atagira uko yovurwa turimwo.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !