• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abasirikare b’uburundi bajabukanye n’Imbonerakure muri Congo, kuva mw’ijoro ryakeye bariko baratana mu mitwe n’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara.

Abasirikare b’uburundi bajabukanye n’Imbonerakure muri Congo, kuva mw’ijoro ryakeye bariko baratana mu mitwe n’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara.

 

 

Mu makuru y’umutekano, abasirikare b’uburundi bajabukanye n’Imbonerakure mu misi iheze bagaheza bakakirwa n’abanyamurenge ba Gumino barongowe na Makanika, kuva mw’ijoro ryakeye bariko baratana mu mitwe n’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara. Izo tambara zikaba ziriko zibera mu gihugu kibanyi ca Congo. Mu makuru twaronse mu kanya gaheze amenyesha ko umurwi ugizwe n’abasirikare b’uburundi, imbonerakure hamwe n’abanyamurenge ba Gumino barongowe na Makanika batatanijwe n’abarwanyi ba Red-Tabara.

Amakuru avuga yuko abasirikare b’uburundi n’Imbonerakure basubiye kujabuka mu gihugu ca Congo bagaheza bakakirwa n’abanyamurenge ba Gumino barongowe na Makanika basanzwe bakorana, yatanguye kuvurwa ku magenekerezo ya 16 uku kwezi nyene hakaba hari mu ndwi iheze. Imvo ituma abo basirikare b’uburundi bajabuka aho mu gihugu ca Congo akaba ari ukuza kurondera abarwanyi b’Umuhari Red-Tabara bavuga ko ubangamiye umutekano w’uburundi.

Amakuru uruganda rwa Radio Haguruka rwaronse avuga ko kuva kuri uyu wa gatanu hafi isaha zine z’ijoro umurwi w’abasirikare b’uburundi co kimwe nabo bakorana ngo wariko urabandanya urugendo rwawo utera ugana ahari ibirindiro vy’abarwanyi ba Red-Tabara, niko guhura n’umurwi w’abarwanyi ba Red-Tabara nabo nyene bariko barakizura mu karere ka Masango baca batana mu mitwe, ingwano zirakomera. Abo basirikare b’uburundi nabo bakorana baciye basanzara bamwe bose barabura bagenzi babo.

Mu makuru twaronse mu kanya gaheze kuri uyu wa gatandatu, nayo amenyesha ko ingwano zari zikibandanya muri ivyo bice vya masango. Bamwe bamwe muri abo basoda b’uburundi aho bari binyegeje baza baranyeguruka barondera ko bobona bagenzi babo bagaheza bagaca barasana n’abarwanyi ba Red-Tabara. Twagerageje kurondera abo mu gisirikare c’uburundi co kimwe no mu mugambwe CNDD-FDD kugira ngo dushobore kubabaza ico abasirikare b’uburundi n’izo mbonerakure bagiye gukora mu gihugu ca Congo yamara ntitwigeze tubaronka. Eka no kuruhande rw’umuhari Red-Tabara naho nyene twabarondeye akatari gake yamara twabakenye.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kwizera.

Partager cet article !