Umwigeme Emelyne Ndayishimiye yoba apfunzwe ariko arahorwa iki?
Bamwe mw’iperereza ry’uburundi boba bagamije gushora umwigeme Emelyne Ndayishimiye ku nguvu ku muhungu yitwa Benilde Odran Ininahazwe? Canke uwo mwana w’umwigemwe hoba hariko harirwa inzira yuko anyuruzwa? Ivyo n’ibibazo bamwe muba Polisi babona ibiriko birashikira uyo mukobwa bibaza.
Vyose vyatanguye kuva kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2021, umusi hategerezwa kuba urubanza rw’ubugeni bwa Benilde Odran Ininahazwe na Emelyne Ndayishimiye, ubugeni butahavuye buba biturutse ku nyifato yuwo muhungu.
Amakuru Radio-Haguruka yari yashoboye kuronka muri ico gihe, yavuga uko umwigeme Ndayishimiye Emelyne uyo musi yari yazindutse gutunganya icumba,nkuko mu migenzo yikirundi babikora kuyo bagomba bubakane. Yamara uyo mwigeme ashitse kuri uyo musore bari guhava basezerana imbere y' Imana, ngo yaradodoye kugira ngo ashobore gushika mucumba yamara ngo uwo muhungu ntiyashoboye kugurura ngo kuko yoba yari yararanye n’uwundi mwigeme.
Guhera icogihe nkuko amakuru twahawe n’abamwe mu ba Polisi begereye abariko barakoreshwa n’uyo muhungu, ngo uwo mw’igeme yarahanuje ico yoshobora kugira bamwe bamuhanura kudashobora kurwa mu rudubi ngo aze kubana n’umuntu nkuwo.
Mbega none uyo mw’igeme yoba yaciye aja hehe?
Nkuko umwe muri abo ba polisi yabitwiganiye, avuga yuko uwo mw’igeme ngo yoba yabanje guhungira mu bihebeye Imana, mu nyuma yaho ngo abona ko ubuzima bw’iwe buriko ingorane yo kuba yari yarandikanywe nuyo muhungu Benilde Odran Ininahazwe, aca ahungira kandi mw’ishirahamwe ry'abakenyezi banonosoye amategeko (Association des femmes juristes,) nabo bamugira inama yo kwishikana ku gipolisi, ariko guhitamwo kurondera uko yobigenza kugira ngo ashobore kwishikana ku nyamiramabi mu ntumbero yo kurondera ko yovavanura nuyo muhungu biciye mu mategeko.
Nkuko amakuru twarose abivuga, uyo mw’igeme yararondeye abo bize amategeko kugira ngo bashobore kubimufashamwo. Uwo yaduhaye amakuru avuga ko abo bakenyezi bo mw' ishirahamwe ry’abakenyezi banonosoye amategeko (association des femmes juristes) bamuherekeje ku bajejwe umutekano kugira ngo asigure icatumye ahitamwo guhunga agasiba urubanza rw’ubugeni rwari kuba kuri uyo musi.
Mbega vyoba vyagenze gute bamaze gushikira inyamiramabi?
umwigeme Ndayishimiye Emelyne ari kumwe nabo mw’ishirahamwe ry’abakenyezi banonosoye amategeko (association des femmes juristes) barituye igipolisi c’inyamiramabi, baraheza ngo barasigura icatumye uwo mw’igeme ahitamwo guhunga. Uyo mw’igeme ngo akaba yasiguye ko yahisemwo guhunga no kwinyegeza ngo kuko yahora yumva ivyo uwo bari kubaka ariwe Benilde Odran Ininahazwe, yahora amubwira ko akomeye mu Mbonerakure ko kandi uwomufyinatako ngo yoca amwicisha.
Inyuma yo gusambishwa, yaba Ndayishimiye Emelyne hamwe nabo mw’ishirahamwe ry’abakenyezi banonosoye amategeko (association des femmes juristes) ngo baciye babapfungana, ariko bukeye abo bo mw’ishirahamwe ry’abakenyezi banonosoye amategeko (association des femmes juristes) baca barabarekura hagumayo uyo mw’igeme Emelyne wenyene kugeza nubu.
Umwe muri abo ba Polisi yatubwiye ko Emelyne wewe ngo yifuza kugira batandukana imbere y’amategeko (divorce) nuyo muhungu ngo kubera bari baragize Etas civil, ngo kandi kubera yamuhemukiye ko atagishaka kubana nawe.
Uyo mu polisi akaba yavuze ati ndabasavye mutabarize uyo mw’igeme ngo kuko muri kino aho apfungiwe, ngo dutewe ubwoba n’ukuntu baguma baza ku musambisha mu masaha yijoro akuze kandi akabona ko biriko bikorwa n’abantu bakomeye mu mugambwe no mugi polisi. Tumubajije amazina amwe muribo yatubwiye nk’uwitwa Bertin n’abandi tudashimye kuvuga kuri uyu mwanya kuko tugikora amatohoza.
Dushimye gusohora iyi nkuru kuko muri ayo makuru twarose, batubwiyeko kuri uyu wambere itariki 24 Rusama 2021, ariho bitegekanijwe ko bazosubira guhura muri PJ (Police Judiciaire mu gisagara ca Bujumbura kugira buzuze dossier yo gushobora kurungikwa muri Sentare.
Twobamenyesha ko uretse ayo makuru twahawe n’abamwe mu ba polisi bahapfungiwe umwigeme Ndayishimiye Emelyne tutarashobora kuronka abo mu muryango wiwe ngo tubabaze uko ibintu vyifashe. Ariko ico bikoze abo ba polisi bavuga ko uyo mukobwa biboneka ko ashobora no kugirirwa nabi.
Mumakuru azokwirikira tuzobabwira Benilde Odran Ininahazwe uwariwe n’akahise kiwe.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.
Partager cet article !