Ibiziga vy’irirwa biratorwa ku musi ku musi canke abarundi birirwa baranyuruzwa, koko vyoba bikorwa n'ishirahamwe yr’ abakenyezi bize amategeko?
Ipfungwa ry’Umukenyezi Emelyne Ndayishimiye, igipolisi c’uburundi coba kigamije kurikoresha mu guhuma amaso abarundi n’amakungu, ko ibiziga vy’irirwa biratorwa ku musi ku musi canke abarundi birirwa baranyuruzwa, koko vyoba bikorwa n'ishirahamwe yr’ abakenyezi bize amategeko?
Kuri uyu wambere, Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bujejwe umutekano, intwaro yo hagati n’iterambere, yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru n’abanditsi, aho yerekanye umukenyezi Emelyne Ndayishimiye amaze iminsi apfunzwe, aho yamenyesheje ko uyo mukenyezi yagirizwa icaha co guta urugo kubera yari yamaze kwubaka biciye mu mategeko, akagirizwa kandi ububeshi no gusesaguza imiryango hamwe ngo no gusuzugura imiryango n'inzego za reta.
Mugihe uwo mukenyezi kuva kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2021 yahitamwo guhunga ubugeni ku munsi w'umuhezagiro wo mu rusengero, biturutse ku nyifato yuwo muhungu ngo kuko uwo musi yasanze yararanye n’uyundi mukobwa, uyo avugira ubushikiranganji bujejwe umutekano wewe yagiriza Emelyne Ndayishimiye ngo kuba yarataye urugo, ngo ibisanzwe bihanwa n’ingingo ya 556 y'igitabo mpanavyaha.
Petero Nkurinkiye yamenyesheje ko Emelyne Ndayishimiye amaze amezi 3 ngo apfungiwe mu nzu iri mu gisagara ca Bujumbura ngo y'ishirahamwe ry’abakenyezi bavuga ko bize ivyamategeko. Yongerako ko uyo mukenyezi atari afise uburenganzira na bumwe bwo kuvugana n’umuntu uwariwe wese, gusohoka canke gushobora kuvugira kuri terefone. Aca amenyesha ko ivyo arivyo ishirahamwe ryabo bakenyezi rikurikiranwako ngo kuko bidakurikije amategeko, ngo nokuba ryaragomvye guhungabanya umutekano w’igihugu ariko ntiyigeze yerekana ingingo boba bararenze mu kunyegeza uyo mukenyezi.
Yabandanije avuga ko uyo mukenyezi ngo yamerewe nabi bidasanzwe ico gihe yari muriyo nzu ngo gushika naho umubiri wiwe uhinduka ukundi biturutse ko afashwe nabi. Yamara abariko barabona uyo mukenyezi barabona neza ko Petero Nkurukiye yariko arabesha kuko uyo mukenyezi kiretse iminsi amaze apfungiwe mu gasho kigipolisi, vyatumye ahahamuka agaheza akaba atameze neza, amakuru twarose n’uko akiva muri iyo nzu yarameze neza canee.
Ivyatanganje bamwe mu bakwirikiranye ico kiganiro c’umuvugizi w’igipolisi.
Uyo muvugizi w’igi polisi c’uburundi, igihe yariko aravuga ibiriko biratohozwa kuri iryo shirahamwe ryabakenyezi banonosoye amategeko, yamenyesheje ko kuba iryo shirahamwe rimaze icogihe cose ripfunze uwo mukenyezi, ngo bishoboka ko abantu bahora baburirwa irengero bashobora kuba bahora banyuruzwa n’iryo shirahamwe, abandi n’abo bakanigirwa muriyo nzu y’iryo shirahamwe. Yagiriyeko avuga ko n’abantu birirwa baratorwa ibiziga bashobora kuba arabanyegezwa muriyo nzu hanyuma bagaheza bakicwa bagaca baza gutabwa ibiziga. Akaba yakoreshe amajambo avuga ati: nduguruye twa mugina «Nta n’uwubizi ko babantu bahora baburwa irengero canke bamwe birirwa baratorwa ibiziga bitaba vyakorewe muriyo nzu».
Agihejeje kuvuga ivyo, bamwe mu bari ngaho, baratangajwe n’ivyavuze ariko haba mu bamenyeshamakuru, ntamumwe y’ubahutse kumubaza canke kumusaba gutanga umuco ko hoba hari ivyemezo afise ko abarundi birirwa baranyuruzwa, abandi bagatorwa ibiziga, vy’ukuri vyoba bikorwa n’abo bakenyezi bize ivyamategeko. Ivyerekana ko atabwisanzere mu mwuga wo kumenyeshamakuru Buhari mu Burundi.
Ngaha rero abatari bake bakaba bariko baribaza ko reta y’uburundi, yoba igomba guca kw’ipfungwa ry’Umukenyezi Emelyne Ndayishimiye, mu guhuma amaso abarundi n’amakungu, ko ibiziga vy’irirwa biratorwa ku musi ku musi canke abarundi birirwa baranyuruzwa, vyoba bikorwa n'iryo shirahamwe rihurikiyemwo abakenyezi bize ivyamategeko.
Aho n’imugihe abandi nabo babona ko ivyo yavuze vyoba bifise intumbero yo kurondera kuremeka inkono ishushe iryo shirahamwe ryabo bakenyezi bivuye kugitugu ca Comiseri Bertin Gahungu kugira ngo bikunde baronke ingene uyo mw’igeme yopfana agahinda kubera ko yase kubana n’uwo muhungu bivurwa ko yegereye iperereza ry’uburundi, hamwe rero no gupfunga bamwe mubagize iryo shirahamwe ryabo bakenyezi bize ivyamategeko.
Ico bikoze co umuntu aravye inguvu n’ibiriko birakorwa kuriyo dosiye yuwo mukenyezi, biragaragara ko hari ikindi cinyegeje inyuma yavyo ntikoba ari ukurondera kwerekana ko Emelyne Ndayishimiye ngo yataye urugo akongera agasuzugura imiryango ngo hamwe n’inzego za reta. Yemwe umwe ati kuriyi ntwaro ntaco tutazobona, uwuzoramba azobona!
Inkuru yanditswe na Kamikazi Jeannette.