• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umukuru wa Zone Gatsinda Komune Mwumba Masabo pascal arabangamiye abanyagihugu arongoye.

Umukuru wa Zone Gatsinda Komune Mwumba Masabo pascal arabangamiye abanyagihugu arongoye.

Abanyagihugu bo muri Kmune mwumba, zone Gatsinda, mu ntara ya Ngozi, baragiriza umukuru wa zone gatsinda ko atoteza abanyagihugu bo muriyo Zone mu kubafungirubusa, kwakwa igiturire no gusinzikarizwa ubuzima. Akamaramaza ngo nukubona atamunyagihugu agitunga inka kuko yirirwa arazifata akazifungira kuriyo zone arongoye.

 

Abo banyagihugu bo muri Komune mwumba, zone Gatsinda, intara ya Ngozi, bagiriza Masabo pascal umukuru wa zone gatsinda ko atoteza abanyagihugu arongoye mu ku bafungirubusa, kubasaba igiturire, ugize Imana mbi ukakibura ugaca usinzikarizwa ubuzima eka mbere ngo hari n’abanyagihugu bamaze kunyuruzwa nkuko bimenyeshwa nabo banyagihugu.


Abo banyagihugu banamenyesha ko atamuntu agitunga igitungwa na cane cane inka, kuko uyo arongoye iyo zone ari nawe aheza akazinyaga abanyagihugu agaheza akazitwara zikagurishwa, umunyagihugu ayinyazwe agaca abwirwa ko ngo nubundi izo nka zavuye mu gihugu c’urwanda navuge ingene yazinjije mu gihugu.

Abo banyagihugu bamenyesha kandi ko hari n’izimaze kugurishwa, zirenga 5 iyanyuma ngo akaba yayigurishije mundwi iheze. Babandanya bamenyesha ko hari n’izindi zishika 3 zifungiwe ku biro vyiyo Zone nyene gatsinda kandi nazonyene ngo ziri munzira yo kugurishwa. Abo banyagihugu bakaba batewe ubwoba n’ivyo bikorwa nuwurongoye Zone Gatsinda.

Bakavuga kurayo mabi yose badasiba gutabaza abamukurira aribo Musitanteri na Buramatari w’intara ya Ngozi yamara ngo akaba ataco bigeze babivugako, bakaba bsaba abamukurikurira gushobora kugira ico bakoze ngo kuko abo banyagihugu barushe. Twagerageje kurondera Musitanteri wa Komune Mwumba Jeremie Manariyo na Buramatari w’intara ya Ngozi Epipode Baranyikwa kugira ngo dushobore kuronka umuco kurivyo bivurwa n’abo banyagihugu yamara twabakenye.

Inkuru yanditswe na Muco Sonia.

Partager cet article !