Inyuma yo kugurura Umupaka wa Gatumba Uhuza Uburundi na Kongo abakoresha uyo mupaka bavuga ko basabwa amahera meshi yo kwipimisha ikiza ca Corona.
Kuva ku wa kabiri igenekerezo rya 01 Ruheshi 2021, umupaka wa Gatumba uhuza igihugu cy’ Uburundi na Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya kongo waruguruwe. Uwo mupaka ukaba wari umaze amezi arenga atandatu w’ugaye bitumwe n’ikiza ca Corona.
Baba abakongomani canke Abarundi bakoresha uwo mupaka bacumva inkuru yiyugururwa ry’uwo mupaka, baranezerewe kuko uruza n’uruja rwari rwarahagaze rwari rugiye gusubira gutangura. Ariko rero bamaze kumva ko kugira ngo ushobore kujabuka mu burundi canke muri Kongo ko utegerezwa kwishura amafaranga agera ku madorali 30 kuruhande rw’Uburundi yo gupima ikiza ca corona ku munyamahanga azowucako hamwe n’amafaranga ibihumbi 15 vy'amarundi ku murundi azowucako, uwo munezero waciye ukamangana ahubwo batangura kwidoga.
Baba abanyamahanga canke abo barundi bamenyesha ko ugereranije n’ibihe vy’ubukene barimwo ayo mahera bashinze ko ari menshi kandi ko batabona aho boheza bakayakura. Bakaba bamenyesha ko reta y’uburundi yarikwiye kugerageza uko ishoboye igahagarika ivyo biciro kugira ngo ishobore korohereza abanyagihugu bakoresha uwo mupaka. Abandi nabo bagiriza reta ko ikora ibintu n’igihushane caco ngo kuko ntakuntu yari kugurura uyo mupaka hanyuma igaca ishiraho amafaranga yikirenga kandi isanzwe izi ubukene abanyagihugu barimwo.
Aho n’imugihe ku ruhande rwa reta hoho bavuga ko bashizeho ayo mafaranga ngo kugira haboneke ibikoresho vyo gupima ico kiza kuri uwo mupaka.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.