Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU Ryarugaye Ibiro vy’ubuserukizi Vyaryo mu Burundi bamwe bati n’iryo shirahamwe ntaco ryari rimariye Abarundi.
Ibiro vy’intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONI mu Burundi vyarugawe kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 31 Rusama 2021, ivyo biro bikaba vyari vyuguruwe mu mwaka w’2016, mu ntumbero yo kugerageza kurondera inyishu y’ibibazo vya politike vyari vyadutse mu mwaka w’2015 biturutse ku kiringo ca gatatu c’umuhisi Petero nkurunziza.
Kugira ngo iyo ngingo yokugara ivyo biro ishikweko, vyavuye kuvyari vyasabwe na reta y’uUburundi ko ivyo biro vyugarwa, ngo kuko bitagikenewe. Reta y’uburundi ikaba yasigura ko muri kino gihe atakazi kotuma umunyabanga mukuru w’iryo shirahamwe arungika intumwa mu burundi ngo kuko amahoro ari umusesekara. Yamara baba abanyagihugu, amashirahamwe y’igenga co kimwe n’abanye politique batavugarumwe na reta y’uburundi bakaba bamenyesheje ko mu burundi atamahoro ahari ahubwo bakavuga ko ibara rishobora kurwa umwanya uwariwo wose.
Abo barundi bamwe bakaba badatinya kwagiriza ishirahamwe mpuzamakungu ONI ko ryokwitegura kuzokwemanga amabi ashobora kuba mu burundi. Tubabajije ico bafatirako, bavugako abarundi bakigandagurwa ku musi ku musi, abandi nabo bakinyuruzwa hamwe n’ibitigiri biteye ubwoba vy’abarundi bagipfungwa bahowe ivyiyumviro vyabo kandi ivyo vyose bigakorwa n’abamwe mu bari mu nzego z’igihugu.
Ivyo mbere bikaba vyaratumye amashirahamwe agera kuri 17 yandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONI amumenysha ko akura ijisho ku Burundi. Kubwayo mashirahamwe yigenga, bati indyane ntizirahera bati ahubwo zahinduye isura. Bakaba baravuze inyigisho zibiba urwanko n’amacakubiri, hamwe nibikorwa vyirirwa birakorwa n’umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi ko bigaragaza ko ahubwo ibara rishobora kurwa.
Ayo mashirahamwe yaribukije ko ishirahamwe mpuzamakungu ONI ryoraba n’ibiri muvyegeranyo vy’umugwi wayo ujejwe gukora amatohoza ku mabi yose akorwa mu gisata c’agateka ka zina muntu, umurwi umaze kuvuga akatari gake ko mu burundi habandanya gukorwa ivyaha vy’agahomerabunwa mbere uyo murwi ukaba umaze kongerwa ibiringo incuro zine zose kuva mu maka w’i 2016.
Mwomenya ko ibendera ry’Ishirahamwe mpuzamakungu ONI ryamanuwe kuri uyu wa mbere ku mugoroba, ku biro vyaryo vyahora biri kw’ibarabara rya Gatumba, rikaba ryakiriwe n’intumwa idasanzwe yiryo shirahamwe mu karere ka Afrika akaba yaciye aribika, ibifatwa nk’ikimenyetso c’uko ONI ivuye mu gihugu c’uburundi. Ivyo bikaba bije bikwirikira iyugarwa ry’ibiro vy’igisata kijejwe agateka ka zina muntu c’ishirahamwe mpuzamakungu ONI na co nyene cirukanywe mu Burundi.
Inkuru yanditswe na Muco Sonia