Abarundi boba bari banerejwe nuko Petero Nkurunziza agirwa Imboneza yamaho ?
Â
Â
Kuri uyu wa 04 Ruheshi 2021 Evariste Ndayishimiye Umukuru w’igihugu c' uburundi yarateye umukono kw’itegeko ryemeza ko umuhisi petero Nkurunziza aba imboneza yamaho, mbere uko umwaka utashe ngo akazoba ari umusi igihugu cose cibuka kikongera kigahimbaza uyo yahoze arongoye uburundi nk’imboneza yamaho.
Muri iryo tegeko nyene, bavuga ko ibirori vy’uwo musi bizohora birongorwa n’umukuru w’igihugu c’uburundi. Nayo ibizokorwa kuri uwo musi bikazomenyeshwa mw’itegeko rindi ry’umukuru w’igihugu.
Mbega none Abarundi boba bakira kumwe ko Petero Nkurunziza agirwa Imboneza yamaho ?
Imirwi itandukanye y’abarundi ntibabona kumwe ko Petero Nkurunziza agirwa Imboneza yamaho. Bamwe mu banye poritike baterekwa ubutegetsi bwa CNDD-FDD babona ko kumugira Imboneza yamaho ari nk’igitusi gikomeye n’agasuzuguro ku miryango yabuze ababo ku ntwaro ya Petero Nkurunziza. Ivyo bakabivuga ngo bafatiye kubwicanyi n’ayandi mabi vyaranze intwaro yiwe.
Hari nuwo twavuganye akaba yatubwiye ati niyaba ari intwaro yishe abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwayo, ngo n’intwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza. Ngo yaranzwe no kwica abo batavuga rumwe, kubangaza, kubapfunga mbere no gucagagura imigambwe yabo. Ngo ntakintu nakimwe umuntu yofatirako kugira ngo ashobore kumvisha abatavuga rumwe n’ubutegetsi buhari ko bohora bibuka Petero Nkurunziza nk’imboneza y’amaho, kuko ntiyabaye imboneza.
Muri kino gihe mbere hakaba hariho umunye poritike apfunzwe azira kuba yarubahutse akavuga ku mugaragaro ko Petero Nkurunziza ataho atandukaniye n’umwarimu yigisha yamara abana bose bakayoberwa, ko uyo mw’igisha atoheza ngo aroswe ikidari ko yakoze neza. Uyo nawe s’uyundi n’Umushingamateka Fabien Banciryanino. Uyo mushingantahe akaba yarahagurutse mu nama nshingamateka inama ya bose yakoranye mu gihe bariko barasabira Petero Nkurunziza kugirwa Imboneza yamaho no kwambikwa ikidari c’umuntu ngo yitanze gusumba abandi mu gukunda igihugu.
Â
Â
Banciryanino akaba yasiguye ko kuntwaro ya Petero Nkurunziza ibiziga vy’abarundi vyagumye bitoragurwa, abarundi bagumye barenganywa mbere ubusho buruzuramwo abapfungiwe ubusa, ubukene bwabaye ndase mu gihugu, amakungu yarahariye ivomo igihugu c’uburundi ati eka mbere Petero Nkurunziza ntiyigeze ahaguruka ngo agende kuvugira abarundi mu makungu. Ati nico gituma atarakwiye kwitwa Imboneza canke ngo yambikwe ikidari. Uyo mushingantahe abarundi batari bake bafata nk’intwari kubera ivyo yashikirije, ntiyanatinye kuvuga ko Petero Nkurunziza aho guhabwa agashimwe ahubwo ashobora kuzokwitaba ubutungane kugira ngo asigure amabi menshi yaranze intwaro yiwe.
Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique nabo nyene ntibashima ivyakozwe na Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’uburundi. Bamenyesha ko bidakwiye ko umuhisi Petero Nkurunziza agirwa Imboneza yamaho. Bamwe murabo bakaba bavuga ko intwaro yuwo muhisi yabaye iy'agahotoro kuva muri 2005 gushika muri 2020.
Pacifique Nininahazwe, n’umwe murabo bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicari vya poritike wewe akaba yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko uyo musi uzoba umusi nyabuna wo kwibuka abarundi bagandaguwe ku ntwaro y' agacinyizo ya Petero Nkurunziza. Akaba yagize ati : « Uko uwa 08 Ruheshi ugeze tugiye guhora twibuka abacu bahitanywe n'intwaro y'agahotoro ya Petero Nkurunziza kuva muri 2005 gushika muri 2020. Uzoba kandi umusi wo kwibuka no gutera intege Intwari zose zubahutse kwiyamiriza amabi atagira izina yakozwe n'iyo ntwaro. »
Uyo arongoye ishirahamwe FOCODE abandanya agira ati : Kuva twikukiye, intwaro zagiye zirakurikirana zakoze amabi menshi. Hariho amatariki abarundi bakunze kwibukirako ivyago vya 1972 n'ivya 1993. Uyu musi naho, mw'itegeko ryashizweko umukono na Prezida Ndayishimiye, twaronse italiki yo kwibuka abahitanywe n'imyaka 15 y'ubutegetsi bwa Nkurunziza : ku wa 08 RUHESHI buri mwaka. Vyahora bitoroshe ingene turonka italiki yo kwibuka aba FNL biciwe i Muyinga muri 2006, abahitanywe n'ikiza SAFISHA hagati ya 2010 na 2013, ubwicanyi bwo mu Gatumba muri 2011, igandagurwa ry'ababikira muri 2014, ibihumbi vy'abarundi bishwe mu kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, hagati (2015-2020), igandagurwa rya Manirumva Ernest mu mwaka wa 2009 n'abandi benshi cane tutodondagura ngo duheze. Amataliki biciweko yari menshi cane, ubu tuzobibukira hamwe.
Nayo abanyagihugu batandukanye bamenyesha ko kugira imboneza yamaho umuntu atakiriho kandi yanakoze amahano ari kimwe mubintu vyo kwibutsa abarundi ko babandanya barongorwa n’ivyiyumviro vyumuntu atakiriho bati n’akaryo keza ko guhaguruka nyabuna bakironderera indongozi zibushitse zishobora kugarukana agateka k'abarundi kamaze igihe kirekire gahungabana.
Abo barundi bakaba bemeza ko ivyo bamaze gukorerwa ku ntwaro ya CNDD-FDD ngo na cane cane intwaro ya Petero Nkurunziza ngo kuba bashobora kubwirwa ko bokwama bamwibuka ngo nukubatoneka mu bikomere bafise vy’amabi bakorewe mu mpande zose. Haba kubantu babo biciwe, ngo haba k’ubukene batewe niyo ntwaro hamwe n’uburenganzira babujijwe.
Â
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.
Â