• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ntagituma nakimwe Shehe Ndikumana Rashid yategerezwa gufungwa kubera ivyo yashikirije.

Ntagituma nakimwe Shehe Ndikumana Rashid yategerezwa gufungwa kubera ivyo yashikirije.

 

 

Ngwiyakamanye ntigata kandi biragoye guhisha umwotsi inzu yahiye. Ivyo n’ibishikirizwa n’abanyagihugu inyuma y’ipfungwa rya Shehe Ndikumana Rashid yariko arasengesha ku musigiti wo mu Buterere, agaheza agashikiriza iciyumviro ciwe gisa n'inyishu ku ngingo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yari yafashe isaba aba islam bo mu Burundi kudasubira kuvugira kuri micro bavyura abayoboke babo ngo baje mu masengesho.

Kubwabo banyagihugu bamenyesha ko ataribwo bwambere abarundi bahorwa ivyiyumviro vyabo kandi leta ikama ibihakana ko atamuntu numwe ishobora gupfungira ubusa, yamara rero ngo ku musi ku musi hakaba habandanya kwibonekeza ivyemezo bidasanzwe vyo guhotora no kubuza uburenganzira bw’abarundi na cane cane kubuza abarundi gushikiriza ivyiyumviro binyuranye n’ivyumugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi.

Ngo Leta Mvyeyi yarikwiye gufatira ku karorero k'umukuru w'igihugu c'Ubufransa, ingene yifashe inyuma yaho umunyagihugu amukubitiye ikofe ku musi wejo, ikamenya ko umunyagihugu atagomba guhorwa ivyiyumviro vyiwe ahubwo ku munyagihugu igihambaye ari ukumwumviriza no gushobora kumutunganiriza. Bati Shehe Ndikumana Rashid ntakwiye gupfungwa ahorwa ivyo vyiyumviro yashikirije.

Bagaheraheza bamenyesha ko ipfungwa rya Shehe Ndikumana Rashid yariko arasengesha ku musigiti wo mu Buterere, ngo ryerekana ko Abarundi bagipfungwa bahowe ivyiyumviro. Abandi barundi nabo bakaba bamenyesha ko ivyo vyakozwe ari ikindi kimenyetso kidasanzwe cuko intwaro ya Evariste Ndayishimiye arintwaro ya ryogora duhure.

Inkuru yanditswe na aline Munezero.

 

Partager cet article !