• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ideni Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika ry’ishuza uburundi riragaragaza ko leta y’uburundi igeze mu mayira abiri n’ubukene.

Ideni Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika ry’ishuza uburundi riragaragaza ko leta y’uburundi igeze mu mayira abiri n’ubukene.

Ubutegetsi bwa CNDD-FDD nkuko abarundi bose bama bariko babibwirwa, buvuga ko ibigega vya Reta bibogaboga, vyifashe neza mu yandi majambo. Bishikirizwa n' abanyagihugu ubwabo. Ngo nta na rimwe Reta y' uburundi irigera yemera ko ikenye, ko abarundi bishwe n' ubukene mu gihe n' amaraporo mpuzamakungu yama yerekanye urugero rw' ubukene abarundi barimwo ko ruteye ubwoba. Noneho abarundi ngo baraye baguye mu gahundwe bumvise ko Reta y' uburundi iriko irishuzwa amafranga angana n' imiriyoni zibiri,ibihumbi amajana ane na cumi n' umunani n' ijana na mirongo umunani y' amadolari ya amerika. Ayo mafranga Reta ikaba iyaheraniye iryo shirahamwe kugera kuri uyu wa 07 Ruheshi 2021.

Ico gitigiri c' ayo mafranga kikaba kiri mu rwandiko ishirahamwe ry' ubumwe bwa Afrika ryandikiye uwuserukira Reta y' uburundi muri Etiopia, igihugu gisanzwe kirimwo icicaro gikuru c' iryo shirahamwe. Hari kuri uyu wa 08 Ruheshi 2021.

Abarundi bavuganye n' uruganda rwa Radiyo Haguruka bamenyesha ko urwaruka rw' igihugu rworwo rwigorewe kubera ayo madeni Reta ya CNDD-FDD iguma igereka ku bitugu vyarwo muri kazoza, rukaba arirwo ruzoyishura. Ivyo vyose ngo biriko biba uko mu gihe ayo mafranga atishurwa muri iryo shirahamwe ndetse n' ayandi harimwo na EAC aja mu mipfuko y' akagwi gapfukamye igihugu mu nda, kariko gatungisha imiryango yako ikazokwiberaho neza mu misi iri imbere mu gihe abarundi isinzi Bobo bazoba bagitubitse uwa vubi ubukene bubishe kubera kwishura amadeni yagiye mu mipfuko yaba mpemazuzuye.

Abo barundi naho batashimye ko tubafata amajwi, bamenyesheje urwaruka rw' abarundi ko ni rwaguma rwica amatwi rukigira nk' urutarabwa nayo madeni y' umurengera Reta ya CNDD-FDD iriko ibika ku gihugu, ejo aho bukera ruzotangura kurondera aho rushwiragira mu bindi bihugu ngo rugiye kurondererayo ubuzima kandi naho atabuhari mu gihe rwari rwifitiye igihugu ciza gisanzwe cifitiye ubutunzi bworubeshaho. Ngo rukwiye kwugurura amaso ruhaguruke, rugarure igihugu kuko kigeze mu manga ngo nayo kwicuza ataco ukigarura ntaco bimaze. Ngo ntivyumvikana ingene igihugu c' Uburundi kiza mu bihugu 9 vyo kw' isi mukugurisha inzahabu nyinshi ariko kikaba ica mbere kizingamye mu bukene n'amadeni.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !