Karim Khan yarahiriye gutangura amabanga yo kurongora CPI

 

Kuva kuri uyu musi Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI ifise icicaro lrahe mu Buhollande iramutswa umushikirizamanza mushasha. Karim Khan yanonosoye amategeko akaba aturuka mu gihugu c’UBwongereza, akaba yarahiriye kwinjira mu mabanga yo kurongora iyo sentare mpuzamakungu Mpanavyaha ku mugaragaro.

Karim Khan yinjiye murayo mabanga afise imyaka 51, akaba asubiriye Fatou Bensouda yaramaze imyaka icenda arongoye iyo sentare aturuka mu gihugu ca Gambie. Karim Khan akaba yavuze ko azokubahiriza amabanga yiwe yo kuba umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu bwubahane, ubwizerane, ukudahengama no kuyoborwa n’umutimanama.

Uyo aje kuramutswa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI akaba aje asanga dossier y’abarundi bituye iyo sentare barindiriye gutunganirizwa ku mabi atagira izina bakorewe n’ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza igihe yitoreza ikiringo ca gatatu abarundi batari bake biyamirije bavuga yuko cari kinyuranye n’amategeko hamwe n’amasezerano ya Arusha. 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !