Ibikorane bitunganywa n'umugambwe CNDD-FDD canke n' Umukuru w'igihugu ubwiwe ntibifatw kumwe n’abanyagihugu.
Abanyagihugu basigaye bababazwa n'ibikorane bitunganywa n'umugambwe CNDD-FDD canke n' Umukuru w'igihugu ubwiwe avyitiriye umuryango wiwe. Abo banyagihugu ngo ikibabaza ngo n'uburyo bwamafaranga bwirirwa burahahonera mugihe abanyagihugu bobo inzara ibarembeje.
Bamwe bati ntamasengesho arimwo ahubwo n’ukuja kusayanga. Ivyo biriko biravurwa inyuma yaho kuva kuri uyu wakane igenekerezo rya 17 kugeza kurya 19 ruheshi 2021 hariko haraba igikorane c’amasengesho ngo yogushimirira imana ko Evariste Ndayishimiye amaze umwaka arongoye uburundi.
Mwomenya ko amasengesho canke ibikorane mwenivyo bidatanguye gukorwa kuri Evariste Ndayishimiye ahubwo wahindutse nkumugenzo ukorwa n'umugambwe CNDD-FDD hamwe n’abategetsi bawukomokamwo kuko vyatanguye gukorwa n'umuhisi Petero Nkurunziza. Amasengesho yamara kuva atangura gushika nubu abanyagihugu batigeze bemera kuko ngo batabona akamaro kayo.
Abo banyagihugu twaganiriye kuribi vyaya masengesho ariko araba bobo bakaba batumenyesheje ko aribisigabwenge ngo kuko ayo masengesho atakintu nakimwe avuze canke amaze. Bakibutsa ko amasengesho atababuza kwica abarundi, ntabuze guhohotera no guhonyanga agateka k'abarundi ko atakintu nakimwe amaze bakabona ahubwo ko ayo masengesho arayo kubandanya basanzaza uburyo bwigihugu mugihe abanyagihugu bobo bishwe ninzara atagitabara. Ngo nayo kuba babesha ko bagiye gusenga Imana bitari vyakera iyo mana izobagaragaza nkuko yamye ibikora mu gihe cakera.
Inkuru yanditswe na Alice Mukeshimana.