• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ibitero n’imitego bikorwa n’abantu bitwaje ibirwanisho bibandanya kwibonekeza mu Burundi abarundi barenga 13 baritavye Imana abanda barenga 7 barakomereka.

Ibitero n’imitego bikorwa n’abantu bitwaje ibirwanisho bibandanya kwibonekeza mu Burundi abarundi barenga 13 baritavye Imana abanda barenga 7 barakomereka.

Abantu barenga 13 nibo vyavuzwe ko bitavye Imana nayo abagera kuri 7 barakomereka bikomeye. Abo bantu bose bari mu modokari zibiri  zaguye  mu mutego w’abantu  bitwaje ibirwanisho  kw’ibarabara rya Bujumbura Gitega neza na neza muri komine Rutegama intara ya Muramvya, zikaba zaraturiwe  zirasha ziratokombera.  Mu bushikiranganji bw’umutekano   bakaba basa naho bagomba kunyegeza ivyo vyaraye bibaye mukubivuga batabitomoye neza nkuko bivugwa n' abanyagihugu. 

 

 

Nkuko amakuru twahawe n’ababa hafi yahabereye iryo bara avuga, ngo uwo mutego wahitanye ubuzima bwabo bantu barenga kuri  13 hamwe n’abandi bagera kurindwi bakomeretse, wabereye kw’ibarabara rya Bujumbura Gitega igihe c’isaha hafi zibiri z’ijoro (20h00). Ukaba wabereye neza na neza ku mutumba Munanira hafi yahari ibiro vya Komine Rutegama mu ntara ya Muramvya.

Ico gihe ngo abakoze iryo bara bashize amabuye mw’ibarabara hanyuma haca haza imiduga yariko iramanuka imwe ikaba yariyo mu bwoko bwa Probox ari nayo ngo yarimbere hamwe n'iyindi yo mu bwoko bwa Hiace baca barayihagarika ubwo nyene baca batangura kuyirasa. Ngo bamaze kurasa umushoferi w'iyo Probox abandi bari bayirimwo barashoboye kuyivamwo bariruka ariko umushoferi wewe ngo akaba yaciye yitaba Imana murico kibanza nyene. Abari mu modoka yo mu bwoko bwa Hiace bobo ntibagize amahirwe yo kubaho ngo kuko murako kanya nyene badatevye baciye batangura kuyimijagirako essence baca barayiturira. Abari muri yo bakaba bayihiriyemwo eka na Probox yari imbere yiyo Hiace nayo nyene yaciye iturirwa.

Nkuko amakuru twahamwe na bamwe mubarwariye mu bitaro vyo mu kibimba abivuga, ngo imbere yuko baturira izo modoka bamwe mubari murizo modoka baragerageje gukura amahera mu mipfuko kugira  bayabahe abo bagizi ba nabi ngo babareke yamara  bakaba barayanse. Ico ngo bababwiye, nduguruye   twa mugina, mwebwe mubone igihugu kiri mu ngorane hanyuma muheze muzane amafaranga? Ayo mahera yanyu nimuyajane muzoyazana amahoro yabonetse mu Burundi mwa mbwa mwe, Ndugaye twa mugina.

 Haciye nk'ikiringo c’iminota 45min abo bagizi ba nabi bigiriye, ngo abapolisi n’abasoda bamwe bari i Gashingwa ngo baciye batangura kurasa yamara abanyagihugu baho hantu babona ko ivyo vyakozwe nabo bapolisi ngo bwoba bwari ubwoba bwo kwikanga ko nabo bashobora kuba batewe bagaheza bagahitamwo kurasa kugira ngo berekane ko ariho bari. Abo banyagihugu bagatangazwa no kubona abo bapolisi batashoboye kwihutira gutabara abo banyagihugu.

 Gushika kuri uyu wakabiri mu bushikiranganji bw’umutekano uretse ubutumwa bugufi bwanditse kurubuga ngurukanabumenyi Twitter aho bwemeza ko  habaye igitero c’abiyahuzi hanyuma abantu bamwe ngo bakaba barapfuye abandi barakomereka nta kandi kajambo barigera bashikiriza. Ivyo navyo bikaba bifatwa n’abanyagihugu nko kugomba kunyegeza no guhisha iryo bara ryaraye ribaye mukudashikiriza abarundi ibitigiri nyavyo vy'abanyagihugu baraye basize ubuzima muri uyo mutego.

 Uwo mutego ukaba ugiye mu rukwirikirane rw' imitego iguma ikorwa n' abitwaje ibirwanisho bari mu bice bitandukanye vy' igihugu.  Umutekano ukaba wama wahungabanye.

 

 Mwomenyako uyo mutego wabaye  inyuma y'amasaha makeya gusa Petero Nkurikuye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano avuze ko abahora bagira ibitero mu ntara zitandukanye bahagaritswe. Abanyagihugu bakaba baraye basubiye kubura batagaraguye. Abo banyagihugu n’umubabaro mwinshi  bati dusigaye tubona abarongoye igihugu ko bariko barakinira ku buzima bw'abanyagihugu.  Bati nta kuntu uwuvugira ubushikiranganji bw’umutekano yovuga ko abahungabanya umutekano babafashe hanyuma ngo twongere duhekurwe. Hari nabafise amakenga ko ubwo bwicanyi bwoba butegurwa na leta ubwayo.

 Ivyo bakabivuga bafatiye ku vyashikirijwe na Petero Nkurikiye umuvugizi w’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo umutekano, aho yariko arashikiriza ko abari bamaze iminsi bagira ibitero mu ntara zitandukanye ngo bahagaritswe. Akaba yabivuze kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Ruheshi 2021 mu kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu cabereye mu ntara ya Makamba.

 Yamara inyuma y’amasaha makeya uyo muvugizi w’ubushikiranganji bw' umutekano amenyesheje ko inkozi zibibi zahora zihungabanya umutekano zahagaritswe haciye hasubira kwibonekeza amaborogo y'abariko barapfa batagira gitabara, aho bari bahejeje kurwa mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho.

 Muri kino gihe ishavu rikaba riniga mu banyagihugu baraye babuze ababo hakaba kandi hibonekeza n’ubwoba budasanzwe mu banyagihugu bo mu ntara zitandukanye biturutse ku bitero bimaze igihe bikorwa n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho naho  ata n’umwe urashobora kwemenga iyo mitego n’ibitero bimaze igihe bikorwa.

 Abanyagihugu bamwe bakaba babandanya kuvuga ko ivyo bitero ngo bishobora kuba bikorwa n’abasirikare badashigikiye intwaro ya Evariste Ndayishimiye mu gihe hari n’abamenyesha ko  vyoba bikorwa n’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara bakwiragiye mu ntara zitandukanye zigihugu. Eka mbere hari n'abavyegeka ku rwaruka rw’imbonerakure rwahawe ibirwanisho. Ikiboneka coco nuko leta y’uburundi imaze kunanirwa n'uguhagarika iryo hungabana ry’umutekano.

 Ngo abarundi bagize Imana bagashobora guhunga ngo ntibari bakwiye kwihutira guhunguka naho basanzwe bari mu ngorane zitagira uko zingana ngo kuko bimaze kugaragara ko mu Burundi atamahoro n’umutekano bihari ngo muri kino gihe n’uwutishwe ahitanwa n’umutekano muke udasiba guhungabana. Aho ni mugihe hari umunyagihugu azwi ku mazina ya  Harerimana Jean Pierre yaguye mu mutego wahitanye abantu barenga 13 mu gihe yaheruka guhunguka ava mu gihugu c’urwanda mw’ikambi ya Mahama.

 Inyuma y’umutego waraye ubaye kw’ibarabara rya Bujumbura Gitega muri Komine Rutegama intara ya Muramvya, twaragerageje kurondera kumenya abaguye murico gitero abaribo. Mu makuru twashoboye kuronka akaba aruko imodoka zaguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho harimwo izari zitwaye abavuye mu rubanza mu ntara ya Gitega zikaba zariko zirasubira muri Commune Matongo intara ya Kayanza.

 Nkuko amakuru twaronse abandanya abitubwira, ngo murabo banyagihugu bariko barataha muri komine Matango bagaheza bakarwa muri iryo sanganya ngo harimwo umunyagihugu azwi ku mazina ya Harerimana Jean Pierre yaheruka guhunguka ava mu gihugu c’urwanda mw’ikambi ya Mahama ngo akaba yari yahungutse itariki 27/8/2020, nayo mw’ikambi ya Mahama akaba yaba muri village ya 18, communauté ya17, umuryango wa 3. Mu Burundi akaba yaba ku mutumba Burengo, Zone Ruganza komine Matongo.

 Bamwe mu banyagihugu bari basanzwe babana nuyo muhisi mw’ikambi ya Mahama co kimwe na bamwe mu baba ku mutumba Burengo Zone Ruganza komine Matongo bakaba babwiye Radio Haguruka bati umuntu yagize Imana agashobora guhunga ngo ntiyarakwiye gupfa guhunguka ngo kuko bimaze kugaragara ko mu Burundi ata mahoro n’umutekano Bihari. Hari n’abandi banyagihugu bamenyesheje ko hari n'abipfuza guhunga ngo yamara kubera ibibazo bijanye n’ikiza c’umugera wa Corona catumye imbibe z'ibihugu bimwe bimwe zugarwa bagaheza bakabura aho baca.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !