Koko ntabantu banyuruzwa mu Burundi?
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye avuzeko atabarundi banyuruzwa mugihe mu ntara ya Makamba, komine ya Vugizo havugwa inyuruzwa ry'imisore ibiri Innocent Ndayiragije na Christophe Kizito. Abo bakaba bafashwe ku magenekerezo ya 09 na 10 Mukakaro umwaka w'2021.
Innocent Ndayiragije, umunywanyi w'umugambwe CNL wo muri komine Vugizo intara ya Makamba yahagaritswe mu gitondo co kuwa 09 Mukakaro uyu mwaka w'2021. Abamuhagaritse n'abakozi b'igendereza bo mu ntara ya Makamba bari kumwe n'abasirikare barongowe na Lieutenant-Colonel Aroni Ndayishimiye asanzwe arongoye ibatayo ya 212 ikorera mw'ishamba rya Rukoko. Uwo Lieutenant-Colonel Aroni Ndayishimiye yaciye amanukana Innocent Ndayiragije i Bujumbura. Amakuru Radiyo Haguruka ifise, n'uko Innocent Ndayiragije atagumijwe i Bujumbura ahubwo Lieutenant- Colonel Aroni Ndayishimiye yaciye aguma amutwara mw'ishamba rya Rukoko. Aho hose ntiyarazi ico yagirizwa.
Mu nyuma niho haciye hatangura uruhigi rw'uwurongoye umugambwe CNL muri komine ya Mutimbuzi ari we Eliya Ngomirakiza. Uwo nawe nkuko twabibabwiye akaba yahavuye afatwa uwo musi nyene nk'igihe c'isaha cumi z'umuhingamo. Nawe nyene mu masaha y'ijoro akaba yahavuye ashikanwa mw'ishamba rya Rukoko.
Bose uko ari babiri, Innocent Ndayiragije na Eliya Ngomirakiza muri iryo shamba Bari baboshwe nabi cane, ivyo bamwe bita kubohwa uw'indege, barakubiswe bimwe bikomeye. Bakaba mbere bahavuye bagandagurirwa rimwe baca bahambwa mu kinogo kimwe muri iryo shamba nyene mw'ijoro ry'uwa cenda Mukakaro uyu mwaka w'2021.
Bukeye bwaho ku wa 10 Mukakaro uyu mwaka, uwundi musore yitwa Christophe Kizito wo ku mutumba Rutegama, zone Gishiha, komine Vugizo intara ya Makamba nawe yazindutse afatwa n'abakozi b'iperereza mu ntara ya Makamba, bamufatira ku mutumba Rutegama yari asanzwe abako.
Ico gihe yoba yagirijwe n'abamufashe ko akorana n'imigwi y'abarwanyi, ivyo nawe yahakanye nkuko amakuru dukura aho i Makamba abivuga. Christophe Kizito nawe gushika ubu nta muntu arashobora kumenya aho ari canke amaherezo yiwe. Muri komine Vugizo bamenyesheje Radiyo Haguruka ko Uwo Christophe yari asanzwe ari umunywanyi w'umugambwe CNL Kandi ko mu matora aheruka ari mubari bayahagarariye muri iyo komine ya Vugizo.
Incuti, ababanyi n'abaryango biwe Basaba Reta ya Evariste Ndayishimiye kutazimanganiriza ubuzima uwabo mu gihe ariko ahorwa ubusa. Ngo nayo nimba hari ico yagirizwa n'ashirwe imbere y'intahe yumvirizwe.
Abanyagihugu bobo bo muri komine Vugizo bamenyesha ko bagire babahereze ku buhomba, bagasaba Reta ya CNDD- FDD guhagarika kugandagura bene Burundi ngo kuko imaze kwica benshi kandi ngo impera n'imperuka abariko babikora canke ababatuma bazoteba babibazwa baheze bavyishure.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.