Ngo abavurwa ko babuzwe irengero mu Burundi baba bagiye mu mirwi irwana. Vyemezwa n’Umushikirizamanza kizigenza wa.
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Mukakaro 2021, Sylvestre Nyandwi Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yarahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru. Ico kiganiro kikaba cari mu ntumbero yo gushimangira ivyari bimaze gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, umukuru w’inama Nshingamateka hamwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ivyagateka kazinamuntu mu Burundi, kuvyerekeye inyuruzwa rimaze imyaka rivurwa mu Burundi.
Kubwa Sylvestre Nyandwi Umushikirizamanza kizigenza wa Republika, ntahakana ko mu Burundi abantu bataburwa irengero ryabo, aremeza ko hariho abantu baburwa irengero. Ariko Sylvestre Nyandwi agaca yongera akavuga ko naho hari ababurwa irengero ko hari bimwe mu bimaze imisi bivurwa kw’inyuruzwa atarivyo.
Nkuko yabandanije abimenyesha muri ico kiganiro, Sylvestre Nyandwi yavuze ko ibijanye n’abantu baguma baburwa irengero ngo bikorwa n’abantu biyambika impuzu z’abajejwe umutekano bagakoresha imiduga itagira imparati. Yamara ntiyigeze yerekana amatohoza yoba yarakoze no ku muntu umwe gusa ngo yerekane abo biyambika impuzu z’abajejwe umutekano abaribo n’ingene baheza bakabikora.
Kurivyo nyene yarongeye amenyesha ko abo bantu baburwa irengero ngo baba bajanywe mu mirwi irwana, ariko nahonyene ntiyigeze avuga ati baba bagiye mu murwi witwa uku canke witwa kuriya. Mumvugo isa naho yoba ariko arapfundikanya Sylvestre Nyandwi ahamagarira uwo wese yoba afise inkuru y’uwabuzwe irengero ko yoyishikiriza inyamirabi canke parake imwegereye. Ariko akavuga gutyo mugihe amashirahamwe atari make adasiba gushirahabona ivyegeranyo vyerekana ingene abarundi banyuruzwa. Ikibazo abantu bibaza akaba aruko uyo mushikirizamanza yoba atabona ivyo vyegeranyo.
Nayo ku bitero bimaze imisi vyibonekeza hagaterwa imihana yabanyagihugu bamwe bamwe hamwe n’imitego ku mabarabara, imodoga zigaturirwa n’abarimwo bakicwa, Sylvestre Nyandwi avuga ko ivyo ari ivyaha vy’iterabwoba bihanwa n’amategeko mpanavyaha y’uburundi hamwe na Mpuzamakungu. Akaba yagiriyeko amenyesha ko hari n’amadosiye y’abakora ivyo vyaha aza yaruguruwe ndetse akaba aza ageze muri sentare.
Mwomenya ko ivyo Sylvestre Nyandwi Umushikirizamanza kizigenza wa Republika abishikirije inyuma yaho Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu, umukuru w’inama Nshingamateka Daniel Gerase Ndabirabe hamwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ivyagateka kazinamuntu mu Burundi nabo nyene bari bamaze igihe bahakana ko atabantu banyuruzwa mu Burundi.
Abanyagihugu bati umuntu azoramba azobona!
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.