Ivyo leta y’uburundi yasavye urwanda kugira ngo imigenderanire inaguke vyatanguye gushirwa mu ngiro. Abarwanyi 19 ba Red-Tabara baraye bahawe uburundi.
Abarwanyi 19 b’umuhari Red-Tabara baheruka gufatirwa mu gihugu c’Urwanda mu kwezi kw' icenda kw' umwaka w' 2020, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Mukakaro bashikirijwe Leta y’uburundi. Ico kikaba ari igikorwa kimwe cashizwe mu ngiro muvyo leta y’uburundi yari yasavye igihugu c’urwanda kugira ngo imigenderanire hagati y'ivyo bihugu isubire kunaguka. Nayo umukuru w’igihugu c' uburundi Evariste Ndayishimiye ati nibagireko baduha nabagomvye gutembagaza ubutegetsi mu 2015.
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Mukakaro 2021 niho Leta y’urwanda yashikiriza igihugu c’uburundi abarwanyi 19 b’umuhari Red-Tabara bari bafatiwe ku butaka bw’igihugu c’Urwanda mw’ishamba rya Nyungwe mu kwezi kw' icenda kw'umwaka w’2020. Nkuko vyari vyashikirijwe nabo barwanyi nyene bagifatwa ngo bari mu barwanyi bari bamaze amezi abiri barwana n’igisirkare c’uburundi gifatanije n’igipolisi hamwe n’imbonerakure. Bakaba bafatiwe muriryo shamba rya nyungwe bavuye ngo mw'ishamba rya Kibira ku ruhande rw' intara ya Kayanza aho bariko bararwanira muri komine ya Kabarore. Umurwi wabo bafashwe ngo wahavuye uzimirana na bagenzi babo barikumwe baraheza bisanga aho bafatiwe.
Ico gikorwa co gushikiriza abo barwanyi Leta y’uburundi cabereye ku mupaka wa Gasenyi Nemba ugabura Uburundi n' Urwanda. Abakozi b’ishirahamwe CIRGL bahurikiye mu murwi wa EJVM hamwe n’abarongoye iperereza mu gisirikare c’uburundi hamwe n’icurwanda bakaba bari bahishikiye. Nayo Ibirwanisho vyafatanywe abo barwanyi bigizwe n’inkoho 17 zo mu bwoko bwa Kalashinikove, mitarayeze imwe, Motorola zibiri, amasase atari make navyo bikaba vyaciye bishikirizwa igisirikare c’uburundi.
Leta y’uburundi ibicishije ku muvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi imenyesha ko yashimye igikorwa cakozwe na Leta y’urwanda. Ariko rero umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba asaba Leta y’urwanda kugirako irungike mu Burundi abagirizwa kugomba gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015. Ivyo mbere umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yabivugiye mu nama y’abakuru b’ibihugu n’ama Leta bigize umuryango wa Afrika yo hagati CEAC yabaye hifashishijwe ubuhinga ngurukanabumenyi.
Mwomenyako ico gikorwa cabaye uno musi cogushikiriza abarwanyi ba Red-Tabara leta y’uburundi kije gikwirikira imibonano imaze igihe iriko iraba hagati ya leta y’Urwanda na leta y’uburundi mu ntumbero yo kurondera kunagura imigenderanire hagati yivyo bihugu imaze igihe yaranonekaye. Mbere amwe mu makuru yo kwizera uruganda rwa Radio Haguruka rufise ico gikorwa cakozwe ngo kikaba ari kimwe mu vyo leta y’uburundi yari yasavye igihugu c’urwanda ngo kugira kibone ko urwanda rushaka ko imigenderanire isubira kuba myiza hagati y'ivyo bihugu.
Inkuru yanditswe na Arakaza Jean Baptiste.