Yoba ari amarira y’ukuri ? canke nuwundi mukenyuro ?
Ico n’ikibazo bamwe n’abandi bariko baribaza inyuma y’amajambo yashikirijwe mu misi iheze n’umukuru w’igihugu c’uburundi aho yamenyesha ko yahisemwo kuririra imbere yabakora mugisata c’ubutungane kubera amabi n’ibiturire birangwa murico gisata.
ku munsi ku munsi ndakira ibirego birenga igihumbi vy'abanyagihugu baza kumbwira ko batatunganirijwe n’abacamanza. Ayo n’amwe mu majambo yari mu marira ya Evariste Ndayishimiye yaririye imbere yabacamanza yari yakoranije. Umukuru w’igihugu akaba yabandanije agira ati : nasanze abanyagihugu batarira busema. Ati Aha nta kigongwe munyumvira ndiko ndarira imbere yanyu?
ubwa Evariste Ndayishimiye avuga ko amarira yabanyagihugu birirwa bararira ku musi ku musi atakindi kintu aturukako akemeza ko igituma ari kubera ata butungane buri mu gihugu c’uburundi. Aho ni mugihe abamwitegereje mu maso babona ko ari mu mwiheburo mbere bikaba vyaboneka ko atagishoboye kurongora igihugu.
Umukuru w’igihugu kandi yamenyesheje ko ibiturire birangwa m’ubutungane bituma igihugu gisubira inyuma, abarundi nabo bagahitamwo kwihanira ngo kuko badatunganirizwa. Ivyo bikaba vyatumye avuga ko vyamugeze ahantu gushika naho ngo yiyumvira ko yopfuma aja mw'isoko akaririrayo n’abanyagihugu bakamubona, ngo hanyuma agataha. Ngo kuko kubona abarundi bamutora kugira abarongore, ngo hanyuma agasanga ata komine n'imwe itabuze n'imiburiburi abantu barenga 50 bariko bararira, barizwa n'ubutungane.
Akaba yongeyeko ko igihugu guhera ku mukuru w'igihugu arira, umunyagihugu akarira, bose bakarira atumva umugabane yo giharuramwo eka mbere ngo ntiyumva izina yogiha. Ngo kubona ata banyamahanga bakizana imitahe yabo, kubera ko muca muvugana ingene mubambura amahera yabo.
Bamwe n’abandi rero bakaba baragize ico bashikiriza kurayo majambo arimwo amarira n’amaborogo vya Evariste Ndayishimiye, berekana ko biteye ubwoba ko umukuru w’igihugu ariwe yobwirijwe guhoza abarundi amarira bitumvikana ko nawe arira mu bandi aho gufata ingingo. Hari n’abandi bamenyesheje ko ivyo yashikirije arivyukuri mugabo ko igitangaje ari uko abishikirije ntihagire icaba mugihe isinzi ry’abarundi babivuze bobo bagandaguwe, bagapfungwa, abandi bagahitamwo guta igihugu bagahunga.
Twobamenyesha ko hari n’uyundi murwi w’abarundi wamenyesheje ko amarira n’amaborogo vya Varisito Ndayishimiye atakuri n’akumwe kurimwo ko ahubwo ari uwundi mukenyuro wa mucezo wa ndani kuko atakuntu nakumwe umukuru w’igihugu yokubahuka kuririra imbere y’abanyagihugu birirwa barakubitwa ku musi ku musi nabamwe munzego zigihugu arongoye.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.