Nta gihano kirimwo ni Mucezo wa ndani n'ugusamaza abanyagihugu kugira bibaze ko n'abategetsi bahanwa.
Yaciriwe ihadabu ingana n’amafaranga 2.000.000 ariko agurisha kugiciro kinyuranye nicashinzwe na leta mu kuranguza umufuko w'isukari ku maherera 125.000 kandi wategerezwa kugurishwa 114.000. Uyo akaba ari icegera ca mbere c'umukuru w'inama Nkenguzamateka Njebarikanuye Spes Caritas, akaba n'umudandaza mukuru ahabwa isukari n’ishirahamwe SOSUMO. Abanyagihugu bo muriyo ntara bati nimba koko umukuru w’igihugu ivyavuga vyo kurwanya abambuzi biva ku mutima ngo nakore ibishoboka vyose uwo mukenguzamateka akurwe murayo mabanga yongere akwirikiranwe.
Vyabaye kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 31 Myandagaro 2021 aho Umukenguzamateka Njebarikanuye Spes Caritas, icegera ca mbere c'umukuru w'inama Nkenguzamateka, akaba n'umudandaza mukuru ahabwa isukari n’ishirahamwe SOSUMO mu ntara ya Gitega, yacibwa ihadabu ingana n' imiliyoni 2.z’amafaranga y’amarundi mugihe yariko aranguza umufuko w'isukari ku mahera angana ni 125.000 mu mafaranga y’amarundi kandi umufuko w’ishukari wategerezwa kugurishwa 114.000 vy’amafaranga y’amarundi. Ivyo bikaba bije bikwirikira ibimaze igihe vyibonekeza vyo kugurisha ibiciro birenze kusukari n’ibinyobwa vya Brarudi.
Nkuko amakuru twarose abivuga, ku murwa mukuru wa politique Gitega hari hamaze igihe imyidogo myinshi ishikirizwa n'abadandaza barangura isukari muri ubwo bubiko ko barangura isukari ku giciro kirenze icashinzwe na leta bagaheza nabo bakaza kuyigurisha ku giciro kirenze. Uyu musi rero abajejwe intwaro mu ntara no muri komine Gitega hamwe n'inzego z'umutekano bari kumwe n'abaserukira ubushikiranganji bw'ubudandaji bari bafise amakuru ko uyu mukenguzamateka agurisha kugiciro kinyuranye nicashinzwe na leta niho bishikira kuri ubwo bubiko baraheza bamuca amande bongera batwara isukari yose yari ihari ijanwa mubundi bubiko aho bitegekanijwe ko izohabwa amarerero afise abana b’impfuvyi.
Abanyagihugu bo muriyo ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa politique, bamaze kumenya ivyo vyabaye kuri uyo mukenguzamateka asanzwe ari n’icegera ca mbere c'umukuru w'inama Nkenguzamateka bamenyesha ko nimba koko umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye ivyavuga vyo kurwanya igiturire no kunyonora amatungo ya leta biva ku mutima ngo yarakwiye gukora ibishoboka vyose uyo Umukenguzamateka Njebarikanuye Spes Caritas akurwa mu babanga agatako akwirikiranwa mu butungane ngo kuko bitumvikana kumuntu ajejwe kugenzura amategeko y’igihugu arangwa ningendo yo kwiba abanyagihugu.
Uretse abo banyagihugu bo ngaho I Gitega ku murwa mukuru wa politique hari nabandi banyagihugu bo muzindi ntara zitandukanye bariko baravuga mu rurimi rw'igiswahili ko ibiriko bikorwa n'intwaro ya CNDD-FDD ari mucezo wa ndani. Ku bwabo ngo guca ihadabu ry'udufranga tungana gutyo umuntu amaze imyaka n'iyindi asahura abanyagihugu n'igihugu ngo nta gihano kirimwo. Ubutegetsi ngo buriko busamaza abanyagihugu ngo burahana n'abategetsi mu gihe nyabategetsi bahabwa ibihano bitabavuna namba.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.