Kubwa MSD Iyaba umukuru w’igihugu c’uburundi abona kure ngo yarakwiye kwibaza igituma impunzi zidataha ku bwinshi kandi yama yazihamagaye.
Kuri uyu wa mbere Umugambwe MSD warasohoye itangazo utera akamo leta y’uburundi ko yarakwiye gufata ingingo zikwiye zohumuriza impunzi kugira ngo zishobore guhunguka ku bwishi. Iryo tangazo ry’umugambwe MSD rije rikwirikira ibimaze gihe bishikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aho adasiba gusaba impunzi ko zotahuka.
Muriryo tangazo ryateweko umukono n’Umushingwamanza François Nyamoya akaba n’umunyamabanga mukuru wumugambwe MSD bibutsa ko impunzi zitahunze umuyaga ariko zahunze amabi zikorerwa n’abakorera ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Abo nabo ngo bakaba bagizwe abakora mu rwego rw’iperereza rutwarwa mu biro vy’umukuru w’igihugu, aba polisi, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe ngo n’uraruka rw’imbonerakure.
Umugambwe MSD kandi umenyesha ko kubona hari abahoze ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD canke abacuditse nuwo mugambwe bamaze guhunguka, ngo leta y’uburundi itovyitwaza canke ngo hagire abihenda nkaho coba arikintu gishasha gikoretse, ngo abo nabasubiye mu muryango ngo kuko bafise ivyo batari b’umvikanyeko muri kino gihe bakaba bagiye gusubizwa mu bintu vyabo ko rero atakintu nakimwe bimaze.
Mu mugambwe MSD bamenyesha ko ico umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo yarakwiye kumenya, ngo nuko kugira impunzi zitahe, atari amajambo ngo ahubwo hakenewe ibikorwa, bakamusaba gukora ivyo yategerezwa gukora, ngo bijanye no gufata ingingo yategerezwa gufata kugira impunzi zonyene zumve ko zitekanye ngo kuko
Yamara umugambwe MSD ugasubira ukerekana amakenga ko imvugo y’umukuru w’igihugu ngo itotuma impunzi zihunguka ngo ahubwo yotuma nuwariko aravyiyumvira aca abanza kubiheba. Akarorero batanga ngo n’amajambo Ndayishimiye aherutse kuvuga ku barundi basanzwe ari abamenyeshamakuru aho uwo mugambwe yemeza ko ari amajambo atabereye gukoreshwa n’umukuru w’igihugu.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.