Ibitero bibandanya kwibonekeza vyoba bikorwa n’inkozi zikibi ? canke vyoba bikorwa n’umurwi w’arwanyi barwanya ubutegetsi bw’uburundi ?
Ibitero bibandanya kwibonekeza vyoba bikorwa n’inkozi zikibi ? canke vyoba bikorwa n’umurwi w’arwanyi barwanya ubutegetsi bw’uburundi ? ivyo n’ibibazo abanyagihugu bariko baribaza yamara batararonkera inyishu inyuma y’umutego waraye ubaye muri rino joro ryo ku wa 12 Nyakanga 2021 ku mutumba na Zone Vyuya muri Komine ya Mugamba intara ya Bururi.
Nk’igihe c’isaha imwe zijoro, kw’ibarabara ry’igihugu rigira indwi RN7 neza na nezaku mutumba na Zone Vyuya muri Komine ya Mugamba intara ya Bururi, uruja nuruza rukaba rwarahagaze bivuye k’umutegeko watezwe n’inkozi zikibi aho imodoka yo mubwoko bwa Fuso hamwe na Hiace n’ipikipiki vyaguye muri uyo mutego gushika nubu hataramenyekana abawukoze.
Nkuko amakuru dukura aho habereye ico gitero abivuga, ngo abo bagizi ba nabi babanje kurasa iyo modoka yo mu bwoko bwa Hiace yari itwaye abantu ariko umudereva wiyo modoka ngo araheza ararya umutima amenyo naho yari yakomeretse ngo aguma yirukanga arashobora gusiga abo bantu bari bakomeretse muriyo modoka. Amakuru twarose ngo hakaba hari abantu benshi mubari muriyo modoka bakomeretse cane cane ku maguru ariko tukaba tutarose igitigiri cabo.
Inyuma yaho haciye haraswa imodoka yo bwoko bwa Fuso imaze kuraswa abari bayirimwo nabonyene naho bakomeretse ngo baracumbagije bariruka ndetse niyo modoka barayita. Abo bagizi ba nabi bakaba baciye bayirengerako barayiturira nayo irasha yose iratokombera. Ababa mu micungararo yahabereye ico gitero bakaba bavuga ko iyo modoka yaripakiye amakara. Yaba ayo makara hamwe n’imodoka ntakintu nakimwe casigaye. Ako kanya nyene ngo hari n’ipikipiki nayo nyene yahashitse nayo nyene baca barayiturira babanje kurasa uwuyiriko.
Kuva murayo masaha iryo bara rikirwa, abajejwe intwaro canke umutekano ntibashima kugira ico bashikirije kuvyahononekariye, kimwe gusa Musitanteri wa Komine Mugamba yemereye ibimenyeshamakuru bimwe bimwe ko ko umutekano wahungabanye yamara akaba atigeze atanga ibitigiri vy’abakomeretse, aboba bahasize ubuzima canke ibindi bintu vyoba vyahononekariye. Ariko mu makuru twashoboye gutohoza nuko abantu bagera kuri 14 bakomeretse bikomeye bikaba biriko biravurwa ko hari abagera kuri 2 bashobora kuba bacikaniye kwa muganga.
Mugihe ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ubushikiranganji bw’umutekano bwahora buca busohora itangazo bubicishije ku muvugizi wabwo Petero Nkurikiye, kuribi vyaraye bibaye ejo ntakintu nakimwe barigera bashikiriza muri ubwo bushikiranganji.
Abanyagihugu babibonye, bakabona n’umwanya abo bagizi ba nabi bahamaze, baratangazwa nukubona inzego z’umutekano canke izindi nzego zitashoboye kuhashika kugihe kugira ngo zishobore gutabara. Muri kino gihe abo banyagihugu bakaba bibaza nimba ibitero bibandanya kwibonekeza vyoba bikorwa n’inkozi zikibi canke ko vyoba bikorwa n’umurwi w’arwanyi barwanya ubutegetsi bw’uburundi yamara bakaba atanyishu baronka. Muribo bamwe bakaba babandanya kuvuga ko uko babibona bishobora kuba bikorwa n’umurwi urwanya intwaro ya CNDD-FDD, abandi nabo bamenyesha ko ivyo bintu bibaza ko bikorwa n’abamwe mu basirikare bashobora kuba batemera ubutegetsi buhari ngo bagaheza bagahitamwo kuza barakora ibikorwa nkivyo ariko hakaba hari n’abavyagiriza Imbonerakure ko nazone zoba arizo zibikora ngo kuko nazo nyene zisanzwe zitunze ibirwanisho.
Mwomenyako naho hari haheze imisi hatekanye, hari haheze igihe haba ibitero bidasanzwe n’imitego nkiyo ku mabarabara aho vyagiye bihitana abantu batari bake yamara kugeza nubu bikaba vyongeye kugaragara ko bibandanya gukorwa naho leta yagumye ivuga ko abahora babikora bafashwe ngo bakaba bapfunzwe.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.