Abanyororo bo mw'ibohero rya Muramvya bamaze imisi batagaburirwa. Bakaba batabarizwa n'imiryango yabo.
Baratabaza umuntu wese yogira ico abafashije kuko bagiye kwicwa n’inzara atagitabara, abo n’abanyororo bo mw’ibohero rya Muramvya bamaze ikiringo c’indwi yose bataroswa ico bafungura. Nayo ngw’icibagiwe coco akaba aramazi batakimenya nuko asa. Ivyo biruko mugihe umuyobozi w’iryo bohero nawe ngo amaze imisi itatu apfunzwe yagirizwa kuba hari abanyororo yahaye urusha rwo gusohoka bagaheza bagaca batoroka.
Nkuko amakuru twarose abivuga, ngo bamaze ikiringo c’iminsi igera ku ndwi yose badahabwa ibifungurwa, bakamenyesha ko icibagiwe coco ari amazi yo kunywa. Abo n' abanyororo bo mwibohero rya Muramvya , aho bavugako muri ico kiringo cose bataronka nutuzi two gukaraba mu maso . Bakaba bamenyesha ko n'ubuzima bwabo buri mu ngorane. Umwe mu miryango ifise ababo bapfungiwe muriryo bohero, yabwiye Radio Haguruka ati ndabasavye mugerageze mukore uko mushoboye mutabarize abapfungiwe mw’ibohero rya Muramvya kuko badaherutse kugaburirwa ati muri kino gihe barageramiwe.
Uruganda rwa Radio Haguruka rwagerageje kurondera akatari gake umuyobozi wiryo bohero Icoyitungiye Pie ariko telepfone yiwe ikaba yari izimije. Mumakuru twahavuye turonka avuga ko uwo muyobozi abarizwa mu gasho biturutse ku banyororo yahaye urusha rwo gusohoka baraheza baca baratoroka. Bikavurwa ko abo yari yahaye uruhusha rwo gusohoka ibohero, bari babanje kumupfumbatisha igiturire nawe araheza abona kubarekura. Muri kino gihe rero ibikorwa vyose vyo kwibohero rya Muramvya bikaba birabwa n’icegera ciwe bita Jean Paul uwo nawe nyene tukaba tutashoboye ku muronka kugira ngo tumubaze kurico kibazo c'abo banyororo batariko baragaburirwa.
Mugihe imiryango ifise ababo bapfungiwe muriryo bohero itaka itakamba ko twoyitabariza, twagerageje kurondera abo mu bushikiranganji bw’ubutungane bwerwa nico kibazo guhera ku mushikiranganji ubwiwe Jeanine Nibizi kugira ngo tumubaze ico kibazo ariko tukaba twamukenye. Twanarondeye abarongoye umurwi w’igihugu ujejwe agateka kazinamuntu CNIDH kuva kuri Sixte Vigni Nimuraba yamara nawe nyene tukaba twamukenye. Akaba ari in kuru tuzobandanya tubatohoreza.
Inkuru yanditswe na Muco Sonia.