Bamwe barashima ko kurihira amahera abantu bari babuze ingene bariha ari igikorwa ciza cakozwe, abandi nabo bakabona ko ari ubundi buryo bwo gusamaza Abarundi.
Abanyagihugu bavuga ko ari ar’igikorwa ciza ivyaraye bikozwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye vyo kurihira abarwayi cumi bari baheze mu bitaro kubera kubura amafaranga yo kwishura. Ariko bararwa bakagaruka bati kuvuga ko ayo mahera yakaswe ku mishahara y’abahanuzi b’umukuru w’igihugu ngo babaye ibinebwe ngo ni mucezo wa ndani ngo kuko niyaba vyukuri abo bakozi badakora bari bakwiye kwirukanwa mu kazi bakareka kubandanya barya amafaranga y’abanyagihugu ataco bariko barakora.
Kur'uyu wa mbere, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yararihiye abanyagihugu bagera kuri 10 bahora bugaraniwe mu bitaro vya CNPK vyo mu Kamenge hamwe nabo mu bitaro Prince Régent Charles kubera babuze uburyo bwo kuriha. Ayo mafaranga nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ngo yari guhemba abakozi bakora mu biro vy'Umukuru w'Igihugu nk’abahanuzi biwe, ariko ngo kubera aribinebwe badakora bakaba barafatiwe ibihano vy’o guhabwa akaruhuko k’imisi 15 hamwe no gukatwa igice c’umushahara wose.
Nkuko amakuru ava kurivyo bitaro abivuga, Ayo mafaranga yarihiwe abo banyagihugu arenga imiriyoni 9 z'amarundi, akaba yarihiwe abanyagihugu bagera kuri ndwi (7) bahora bugaraniwe mu kigo CNP-Kamenge kivura indwara zo mu mutwe hamwe nabandi bashika batatu (3) bahora bagwariye mu bitaro Prince Régent Charles i Bujumbura. Ukaba wabaye umunezero udasanzwe ku miryango yabo banyagihugu bashoboye kurihirwa ayo mafaranga.
Abanyagihugu baganiriye na Radio Haguruka, barashima cane ko ico gikorwa cakozwe ariciza co kubona abo banyagihugu bashoboye gutahuka mu miryango yabo, ariko bakongera bakarwa bakagaruka bati kuvuga ko ayo mahera yakaswe ku mishahara y’abahanuzi b’umukuru w’igihugu ngo babaye ibinebwe ngo ni mucezo wa ndani ngo kuko niyaba vyukuri abo bakozi badakora bari bakwiye kwirukanwa mu kazi bakareka kubandanya barya amafaranga y’abanyagihugu ataco bariko barakora.
Abo banyagihugu ntibagarukira ngaho gusa barongera bakavuga bati abo bavurwa ko bakaswe igice c’umushara nabantu bamaze imyaka myinshi basahura itunga ry’igihugu ngo naho bobabwira ko bazomara imyaka 10 badahembwa ngo naco nyene nticoba arigihano gihagije na gatoya ngo kuko kuribo uwo mushahara w’ukwezi kumwe canke igice c’umushahara atakintu nakimwe uvuze canke umaze. Bati nuyundi mukino nyene wokubandanya badusinziriza ngo yamara atakintu nakimwe bimaze.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.