• Home
  • ACTUALITÉS
  • Gukura icegera ca mbere c'umukuru w'Inama Nkenguzamateka, umukenguzamateka Spes Caritas Njebarikanuye ngo ntibikwiye mugihe reta y’uburundi ikivurwamwo Alain Guillaume Bunyoni na Gervain Ndirakobuca batazira Ndakugarika.

Gukura icegera ca mbere c'umukuru w'Inama Nkenguzamateka, umukenguzamateka Spes Caritas Njebarikanuye ngo ntibikwiye mugihe reta y’uburundi ikivurwamwo Alain Guillaume Bunyoni na Gervain Ndirakobuca batazira Ndakugarika.

Abanyagihugu barashima ingingo yafashwe n’Inama Nkenguzamateka y’uburundi yo kubogoza uwahora ari icegera ca mbere c'umukuru w'Inama Nkenguzamateka, umukenguzamateka Spes Caritas Njebarikanuye yaheruka gufatwa ariko aragurisha isukari ku giciro kinyuranye n’icashinzwe na leta. 

Naho ahejeje kubogozwa mu mabanga yiwe nkuko abanyagihugu bagumye babisaba, abo banyagihugu barongera bati mu gihe leta y’uburundi ikivurwamwo Alain Guillaume Bunyoni na Gervain Ndirakobuca batazira Ndakugarika nta mahoro azopfa agarutse i Burundi kuko aribo bayahungabanya ku musi ku musi bati nabo nyene bari bakwiye kubogozwa.

 Kuva Umukenguzamateka Spes Caritas Njebarikanuye Icegera ca mbere c'Umukuru w'Inama Nkenguzamateka afatwa ariko aragurisha isukari ku giciro kinyuranye n’icashinzwe na leta y’uburundi, abanyagihugu ntako batagize mu kuguma basaba ko  uyo mutegetsi yobogozwa mu banga yiwe ngo kuko bitokumvikana ingene yobandanya aserukira abanyagihugu kandi yafatanwe itonga ariko arakandamiza abo yategerezwa guserukira.

Spes Caritas Njebarikanuye yari yahanishijwe amande y'imiriyoni zibiri z'amarundi yagirizwa ko Ishirahamwe arongoye ryadandaje isukari ku giciro kitazwi na Reta mbere n’ishirahamwe SOSUMO rikaba ryari ryamukuye ku rutonde rw'amashirahamwe ashobora kudandaza isukari ya SOSUMO. Yamara ivyo vyose abanyagihugu bari bagumye bavuga ko bidakwiye.

Kuri uyu wa kabiri rero niho inama nkenguzamateka y’uburundi yakorana, iraheza irabogoza Spès Caritas Njebarikanuye mu mabanga yo kuba icegera ca mbere c'umukuru w' inama nkenguzamateka y'Uburundi. Akaba yasubirijwe n'umukenguzamateka Denise Ndadaye (Yatowe mu ntara ya Mwaro. Nkuko amakuru twarose abivuga umukenguzamateka  Denise Ndadaye akaba yatowe kurugero rw’ijana kw’ijana 100% ryabari bitavye ibikorwa vyiyo nama.

 

 Naho abanyagihugu banezerejwe niyo ngingo barongera bakavuga ko inzego zigihugu kuva ku rwego rw’umukuru w’igihugu inama nshingamateka na Nkenguzamateka batari bakwiye kugarukiriza ngaho gusa, ngo nibabandanye kwigizayo abantu bose batumye kandi babandanya batuma igihugu c’uburundi gikorokera mu manga.

Murabo nkuko abanyagihugu babiyagiye uruganda rwa Radio Haguruka, ngo nibahere kuri Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji wambere hamwe na Ndirakobuca Gervain batazira Ndakugarika asanzwe arongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ngo bari mu bantu bagandaguye abarundi kandi gushika nuno musi babandanya kugandagura abarundi, ngo bongera banyonora amatungo y’igihugu nkuko vyavuzwe nabo banyagihugu nyene.

 

Inkuru yanditswe na Muco Sonia.

Partager cet article !