Umukuru w'Inama Nshingamateka y'uburundi Daniel Gerase Ndabirabe, avuga ko Abarundi baba mu mahanga ataco bamaze kiretse gukwiragiza ikiza ca Covid-19 mu Burundi.
Biragoye kumenya uwutegeka igihugu hagati y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe. Ni mu gihe Umukuru w'igihugu c'Uburundi yemera neza ko uruhara rw’abarundi baba mu mahanga (diaspora) mw'iterambere ry'igihugu ruhambaye nayo umukuru w'inama nshingamateka nawe akavuga ko ivyo atarivyo ko ahubwo abarundi baba mu mahanga (diaspora) ataco bamaze atari ugukwiragiza ikiza ca Covid-19.
Ntawuzi ko ryoba ari inyunyurana ariko icobikoze harimvugo zivuguruzanya kuruhara rw’abarundi baba mu mahanga (diaspora) hagati y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umukuru w’inama nshingamateka Daiel Gerase Ndabirabe. Umukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko uruhura rw’abarundi baba mu mahanga (diaspora) mw'iterambere ry'igihugu ruhambaye ngo kuko mugihe boshobora kwitunganya neza kuneza y’igihugu ngo boshobora gufasha mu bitari bike mw’iterambere ry’igihugu.
Ariko naho Evariste Ndayishimiye avuga gutyo, Daiel Gerase Ndabirabe umukuru w'inama nshingamateka wewe amenyesha ko ivyo bivurwa n’umukuru w’igihugu atarivyo kubwiwe ngo ahubwo abarundi baba mu mahanga (diaspora) ntaco bamaze atari ugukwiragiza ikiza ca Covid-19. Ivyo bikaba bitandukanye cane nivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu canke amaze iminsi ashikiriza ahantu hatandukanye.
Abanyagihugu baganiriye n’uruganda rwa Radio Haguruka bamenyesha ko iyo mvugo atari imvugo ibereye ku muntu aserukira urwego nkurwo, bakamenyesha ko atari nabwo bwambere Daiel Gerase Ndabirabe umukuru w'inama nshingamateka ururimi rumugora akavuga amajambo aca ivutu abanyagihugu canke abatera ubwoba mubintu abariko arashikiriza.
Abo banyagihugu bagasubira bakabiza bati None ninde atwara igihugu ? Neva bati Evariste Ndayishimiye yoba ahera hehe akageza hehe? Bamwe bati twari tuzi ko Daiel Gerase Ndabirabe ko muvyo ashinzwe ari ukuraba yuko Leta irangura neza programme y'iterambere ry'igihugu atariko ntitwari tuzi ko ari nawe agaruka akavuguruza umukuru w’igihugu. Bati niho rero ivyuburundi vyacanganiye nkuko bimenyeshwa nabo banyagihugu nyene. Bati ko bimeze uko rero ibikundanye birajana, bati abarundi bari bakwiye guhagurukira iyo leta y’akajagari ngo kuko yaba Ndayishimiye canke Ndabirabe ntakintu kizima bariko barakorera igihugu ngo kiretse ko ururimi rwama rwabagoye kugumya.
Inkuru yanditswe na Arakaza Jean Baptiste.
Partager cet article !