Umuhari Red-Tabara urwanya reta y’uburundi, wemanze ko amabombe y’umvikanye ku kibuga c’indege ca Bujumbura c’itiriwe Melchior Ndadaye ariwo wayateye.
Hari nk’igihe c’isaha z’itanu z’ijoro, igihe abanyagihugu bumva ibibombe vyasirana ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Ayo mabombe kandi yakurikiwe n’amasase atari make murico kibanza nyene. Inyuma y’akanya gatoya haciye hatangura gucanacanako ubutumwa butandukanye ku mbuga ngurukanabumenyi buvuga ko ikibuga mpuzamakungu ci Bujumbura gihejeje guterwa.
Bidatevye, Umuhari Red-Tabara urwanya reta y'Uburundi, ukaba wahavuye usohora ubutumwa bwo kwemanga ico gitero. Mubutumwa bugufi bacishije ku rubuga rwabo rwa Twitter, bamenyesheje ko batanye mu mitwe n’abasirikare bakorera ku birindiro bijejwe gucungera ico kibuga citiriwe Melchior Ndadaye mu kiringo c'isaha yose.
Ubushikiranganji bwo kw’ivunabansi, ubushikiranganji bw’umutekano n’izindi nzego za Reta y’uburundi ntakintu nakimwe zirigera zishikiriza kurico gitero, gusa icibonekeje nuko bamwe mu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi begereye ubutegetsi bagumye barungika ubutumwa butandukanye busa naho bagomba kunyegeza bivuye inyuma ivyerekeye ico gitero. Yamara naho biruko amasoko ya Radio Haguruka yagumye amenyesha uruganda rwa Radio Haguruka ko bumvise amabombe ateye ubwoba hafi y’ikibuga c’indege ca Bujumbura.
Turacagerageza kurondera abarongoye uwo muhari waraye ukoze ico gitero kugira ngo tubabaze intumbero y’ico gitero. Ariko ico bikoze coco nuko ico gitero kibaye mugihe kuri uyu w’Imana ariho umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahava afata urugendo aciye kuri ico kibuga citiriwe Melchior Ndadaye agana muri Reta zunze ubumwe bwa Amerika akaba yitezwe muri reta ya New York ahari icicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONI mu nama ya bose igira 76 yiryo shirahamwe.
Inkuru yanditswe na Mbazumutima Don de Dieu.