Gabriel Ntisezerana yaraye afatanywe itonga ko ari mu bategetsi bapfukamye munda abanyagihugu, bakongera bagatemvya n’ikigega ca leta.
Vyari bimaze igihe bivurwa ko Abategetsi batandukanye, aribo bapfukamye munda abanyagihugu, bakongera bagatemvya n’ikigega ca leta. Gabriel Ntisezerana asanzwe azwi nkumuntu yagiye arazezwa amabanga atandukanye mu gihugu c’uburundi, station yiwe BUPP ikaba yaraye afatanywe itonga, abakozi biwe bamaze kunyegeza Amalitiro 1136 y'Igitoro co mu bwoko bwa Esase. Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho icegera cambere c’umukuru w’inama nkenguzamateka Spes Caritas Njebarikanuye, yaheruka gufatwa ariko aragurisha isukari igiciro kinyuranye nico leta yashinze.
Iyo Station BUPP y’umushingamateka Gabriel Ntisezerana, yafatiweko amalitiro 1136 y'Igitoro co mu bwoko bwa Essence, iri ku murwa mukuru wa Politike i Gitega muri komine ya Gitega ku Masanganzira y’ibarabara rya Karusi Muyinga na Ngozi. Umukozi w’uyo Mushingamateka yar’akaba yafashwe ariko arabuganiza igitoro mu mabido ngo yongera aja kukibika ahandi. Bikaba bivurwa ko ngo yahora apakurura ijoro ico gitoro agaca akibuganiza mu ma bidons nkuko nyene, agaheza akakigurisha mu mpisho ku giciro kirenze icashinzwe na leta.
Nkuko bibandanya bivurwa nabo banyagihugu birirwaho batondeye ico gitoro mbere bagatako bakanakibura, bemeza ko ivyo bikorwa nabene iyo Station abo banyagihugu bita ububegito arivyo bituma nico gitoro gikena. Kuri uwu wakane igenekerezo rya 23 Nyakanga 2021, umuhanuzi wa Buramatari w'intara ya Gitega ajejwe iterambere Serges Sabukunze, arikumwe n'a Musitanteri wa komine Gitega hamwe n'inyamiramabi, bakaba bari bishikiye kuriyo station, baraheza bafata ayo malitiro 1136 y'Igitoro co mubwoko bwa Essence.
Inyuma yiryo fatwa ryico gitoro, Abunguruza abantu mu miduga n'amapikipiki, bahavuye bamenyesha ko ubusuma nk'ubwo buriko bukorwa ku mastation nka yose yo mugisagara ca Gitega ku murwa mukuru wa Politique. Bakemeza ko n'iyo bishitse kigatangwa, uwuguze ic'ibihumbi icumi bamuha ic'ibihumbi icenda, uwushize mu modoka nawe agatanga amafaranga ibihumbi bitanu yiyongera k'uyo yategerezwa gutanga. Serges Sabukunze, akaba agabisha abo badandaza b'ibitoro akamenyesha ko intwaro itazokwigera yihanganira abo bose baza barasahura abenegihugu, agasaba kandi ba nyene ayo amastation gukurikiranira hagufi itangwa ry'ico gitoro ririko rikorwa nabi n'abakozi babo.
Abanyagihugu basanzwe bazi uwo mutegetsi Gabriel Ntisezerana nk’umuntu yagiye arazezwa amabanga atandukanye mu gihugu c’uburundi, nko kuba umukuru w’Inama Nkenguzamateka, kuba icegera cakabiri c’umukuru w’igihugu n’ayandi manga, bamenyesha ko uyo mutegetsi asanzwe afise ama Stations menshi mu gihugu cose, bati nimba koko abakozi biwe abategeka gukora gutyo mu gihugu cose, ngo ntagukeka yaratembeje abanyagihugu, n'ikigega ca leta yarashinzwe kubungabunga.
Abo banyagihugu bakaba basaba ko yofatirwa Ingingo zikomeye zirimwo kumuca ihadabu rikomeye, kwugara ama stations yiwe yose n'imiburiburi nk'umwaka wose, gufata amatungo amwe amwe biboneka ko bitazwi iyo yayakuye, ngo hadasizwe inyuma no kumubogoza mu nzego zose z'uburongozi bw'igihugu arimwo muri kino gihe ngo kuko bigaragaye ko atagiserukira abanyagihugu.
Abo banyagihugu naho bakeza bakongera bagashimira abo bategetsi basigaye bubahuka kurya umutima amenyo bagashira ahabona ubwo bukozi bw’ikibi budasanzwe, bar ongera bakamenyesha ko bibandanya kugaragara ko abategetsi bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD atakindi kibaranga, kiretse gukandamaza abanyagihugu no kubanyaga ivyabo ngo hamwe nukunyonora amatungo ya leta. Bakibutsa ko nuwahora ari icegera cambere c’umukuru w’inama nkenguzamateka nawe nyene ngo aheruka gufatirwa mu bikorwa nkivyo vyo kuniga abanyagihugu mukubagurishako ibiciro birenze. Kubwabo ngo ivyo biza nk’icemezo gihambaye cerekanako abategetsi bo muri uwo mugambwe atakintu bashobora kumarira abanyagihugu.
Inkuru yanditswe na Muco Sonia.