• Home
  • ACTUALITÉS
  • Alexis Sinduhije, Maragarita Barankitse na Frasisiko Nyamoya koko boba aribo barongoye ibitero bibera mu Burundi nkuko bavyagirizwa n’Umushikiriza manza wa Repubirika Sylvestre Nyandwi?

Alexis Sinduhije, Maragarita Barankitse na Frasisiko Nyamoya koko boba aribo barongoye ibitero bibera mu Burundi nkuko bavyagirizwa n’Umushikiriza manza wa Repubirika Sylvestre Nyandwi?

Naho batari mu Burundi bakaba baromowe n’ubutegetsi b’wuburundi, Umushikiriza manza kizigenza wa Repubirika Sylvestre Nyandwi abagiriza kuba bari kw’isonga ry’ibitero vy’ama grenades bigize imisi bibera mu Burundi. Abo nabo akaba ari Umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije, Maragarita Barankitse arongoye ikigo Maison Shalom, Frafrois Nyamoya umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD hamwe n’abandi batari bake.

Mu kiganiro Umushikiriza manza kizigenza wa Repubirika Sylvestre Nyandwi yahaye abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu i Bujumbura, Uwo mushikiriza manza kizigenza wa Repubirika yavuzeko ibitero bigize iminsi bikorwa mu gisagara ca Bujumbura imbere y’ukwezi kw’icenda, abaza kw’isonga mu babikora ari Umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije, Maragarita Barankitse arongoye ikigo Maison Shalom, Frafrois Nyamoya umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD hamwe n’abandi nka; Biremba Melchiade, Nibigira Jean-Claude batazira Bayaga, Niyukuri Nicolas batazira Gisiga, Bahati Gad Albert hamwe n’abandi.

Uwo mushikiriza manza kizigenza wa Repubirika vyitirwa Sylvestre Nyandwi, yaciye amenyesha ko basohoye umutahe mpuzamakungu wo guhagarika abo bose yadondaguye yongera asaba ibihugu vyakarere ngo gushobora gufasha mu kubahagarika ngo kuko abo bantu ari ingorane. Bamwe murabo bakaba basohorewe umutahe mugihe bari bamaze gusohorerwa n’uyundi mutahe yabara ibihugu batsemwo indaro bikaba bitigeze bikwirikiza uyo mutahe.

Yaba umukuru w’umugambwe MSD co kimwe n’umunyabanga wuwo mugambwe barahakana bivuye inyuma ivyo bagirizwa, bakamenyesha yuko ivyashikirijwe n’umushikiriza manza kizigenza wa Repubirika Sylvestre Nyandwi ari urukwirikirane rw’uruhigi uyo mugambwe wamye ukorerwa kuva ukivuka. Bakamenyesha ko atakintu nakimwe bivuze ko ahubwo ivyo bagirizwa bishobora kuba vyakozwe n’urwego rw’iperereza mu ntumbero yo kurondera kuvyegeka ku ndongozi z’umugambwe MSD.

Bakabandanya bamenyesha ko badashobora gucika intege, ko ahubwo urugamba rwo kurwanya bivuye inyuma intwaro ya CNDD-FDD bibandanya ngo kuko atakizobabuza kubandanya bayirwanya. Bakanaremesha abarundi ko batocibwa ivutu nivyo vyashikirijwe.

Nayo Umupfasoni Maragarita Barankitse, asanzwe azwi nk’umuntu adasanzwe kwisi muguharanira agateka kabana n’akazina muntu amenyesha ko ivyo baraye bamwagirije ari ukumwambika ibara. Kubwiwe atiyaba ntari umukiristu vyari kumbabaza atariko ubu binteye ikigongwe.

Kubwiwe ivyaraye bishikirijwe n’Umushikiriza manza kizigenza wa Repubirika, bimwongerereje inkomezi zo gushobora gusengera indongozi z’uburundi ngo kugira Imana ishobore kubakurako inzigo y’akazikira yababoshe. Akaba yagiriyeko ahumuriza abarundi bose yongera abahamagarira guhagurukira rimwe bakirinda uwobacanishamwo ngo bagaheza bakarwanya intwaro ya CNDD-FDD. Akaba kandi abwira abarundi ko mugabo batazokoresha ibirwanisho bicira umuriro nkuko baraye bavyagirijwe n’umushikirazamanza.

Bamwe n’abandi bakaba bamenyesha ko ivyo abo bantu bagirizwa bitagira ishingiro, ngo kuko abo bose badondaguwe batari mu gihugu, mbere ikigeretseko bakaba bakunda kumenyesha ko bomowe nubwo butegetsi bwa CNDD-FDD. Eka mbere ngo ntanico abo bantu bahuriyeko kuko bamwe muribo ari aba nye politike mugihe harimwo n’abaharanira agateka kazina muntu. Ikindi abandi bariko baribaza nukubona umushikirizamanza arungikira imitahe igira kabiri abantu nawenyene asanzwe azi ko niyambere ibihugu bibahaye indaro bitigeze bishira mu ngiro. Bakabandanya bamenyesha ko inzira ubutegetsi bw’uburundi bubandanya gufata itazoshika ko bari bakwiye kwicarira nyabuna ibibazo bihanze uburundi bakareka kurinda kuzunguruka mu nzira ataco zizobafasha.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

 

 

Partager cet article !