Abigisha bari basanzwe bakorera mu ntara ya Mwaro baraheza bimurigwa mu Ntara ya Kayanza kubw’ikibazo c’ikena ry’abigisha , basaba kurenganugwa kuko ngo intica ntikize basanzwe bahembwa itaborohereza kubandanya kubaho mur’ubwo buzima bashizwemwo.
Imyidogo ni myinshi mu Bigisha bari basanzwe bakorera mu ntara ya Mwaro baraheza bimurigwa mu Ntara ya Kayanza kubw’ikibazo c’ikena ry’abigisha kiri mur’iyo ntara bikozwe n’umushikiranganji w’indero mu mwaka w’ishuri wa 2017 ushira uw’2018, aho abo bigisha bavuga ko ivyo bari bemerewe vyose n’ubushikiranganji bw’indero mu kubakura mu ntara yabo ata na kimwe cigeze gishigwa mu ngiro ivyatumye bisanga bategerezwa gutunga ingo zibiri kubera bakorera kure y’imiryango yabo. Abo bigisha babona ko barenganijwe. Bagasaba kurenganugwa kuko ngo intica ntikize basanzwe bahembwa itaborohereza kubandanya kubaho mur’ubwo buzima.
Nkuko biboneka mw'itangazo ihuriro Fédération Nationale des syndicats de l’enseignement et de l’éducation du Burundi ryahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru muri uku kwezi kwa Nyakanga turimwo, hari umugwi w'abigisha bari basanzwe bakorera akazi kabo mu ntara ya Mwaro , bimuriwe mu ntara ya Kayanza kwitegeko ry'umushikiranganji w’indero , aho hari mu mwaka w’ishuri wa 2017 ushira uw’2018.
Murukwo guhindurigwa aho bari basanzwe barangurira imirimo yabo , abo bigisha bavuga ko Ubushikiranganji bw’indero bwari bwabemereye ibintu vyinshi bitandukanye harimwo ko ata mwigisha mushasha azoronswa akazi mu ntara bakuwemwo ya Mwaro batabanje kubagarukana none ubwo bushikiranganji bw'indero nyene bumaze gutanga akazi ku bigisha bashasha incuro zitatu nabo bakigorewe muriyo ntara ya Kayanza bajanywemwo aho bavuga ko ari kure y'imiryango yabo kandi ngo bagasubirigwa n'abana bigishije.
Abo bigisha bakavuga ko n'amafranga asanzwe ahabwa abakozi batwawe kure y'aho basanzwe baba yitwa indeminite d’éloignement atayo bigeze bahabwa ivyo babonako ari akarenganyo kuko ngo bajanywe gukorera ahandi bitavuye kumakosa boba barakoze bakaba babonako kubandanya kubaho mur'ubwo buzima bitaboroheye na gato kuko ngo usanga gutunga ingo zibiri bigoye cane mugihe basanzwe bahembwa intica ntikize kandi ivyo ngo bikagira ingaruka no ku miryango yabo kuko ngo iguma isambuka nabo bagorewe mu gahinga kubera Uburyo bwo Kubaho.
Ikindi abo bigisha bavuga ko kibatangaza kandi kikaba kibabaje cane ngo nuko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yatanze itegeko ryuko atamwigisha numwe akwiye kurenga Zone ngo ajekwigisha mu yindi zone mugihe bobo barenze Intara zitanu mu kuva mu ntara ya Mwaro bakaja kwigisha mu Ntara ya Kayanza, bakavuga ko bamaze iyo myaka yose kuva muri 2017 gushika ubu bishuza mu bushikiranganji bwindero , babwigwa ngo bandike amakete yo gusaba mutation bakayandika ariko akaba ata nyishu barigera baronka mbere ngo hakaba hari n'uwumaze kubibira akabanga ko dossier yabo yahebwe atanuwukiyicishako amaso mu Bushikiranganji bw’indero.
Bamwe murabo bigisha bahaye amakuru uruganda gwa Radio Haguruka bobonako ivyo bariko bakoregwa kuva mu mwaka w’2017 ari akarenganyo katagira izina ngo nimba Leta ya Evariste Ndayishimiye itwarira abarundi bose, ngo ntihari hakwiye kuba umwana n’ikinono mu barundi mu gushira inguvu mu gutunganiriza bamwe abandi bakabaterera iyo, Basabako yaba Umukuru wigihugu canke mu bushikiranganji bwindero bobarenganura mu maguru masha kuko ngo ivyo bamaze iyo myaka yose basaba bavyemeregwa n’amategeko.
Inkuru yanditswe na Mahoro Patient