• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umugambwe MSD uhamagarira abarundi guhaguruka bakarwanira uburenganzira bwo kugira amagara meza na cane cane bwo gukingirwa ikiza c’umugera ca Corona.

Umugambwe MSD uhamagarira abarundi guhaguruka bakarwanira uburenganzira bwo kugira amagara meza na cane cane bwo gukingirwa ikiza c’umugera ca Corona.

 

 

Nkuko biboneka mw’itangazo ryasizwe ahabona n’Umugambwe MSD kuri uyu wa 28 Nyakanga 2021, Umugambwe MSD urarajwe ishinga nuko amagara y'abarundi abangamiwe ngo kubera ugufata minenerwe ikiza ruhonyanganda ca covid-19. Muri MSD bakavuga ko kuva hahakanwa ukuri  mu ntango, Uburundi ngo n'uyu musi  butarandukana nico  gihe ngo kubera naho hemangiwe ko ikiza Covid-19 kiri mu gihugu, Reta y'Uburundi ngo itigeze ifata ingingo n'imwe ihambaye  ngo ikingire abarundi ico kiza. Bakavuga icibonekeza ari uko mu gihugu cose abantu benshi bapfa Ku musi Ku musi  bikaba bigoye   kumenya igitigiri cabo bitewe nuko abategetsi batavyitwararitse. 

Umugambwe MSD uvuga ko hejuru y'ukwo kwisamaza kandi ata kintu na kimwe categekanijwe kijanye n'urucanco n'ukuronderwa ntirurondererwe abanyagihugu, ngo umukuru w'igihugu hamwe n'intumwa ziwe bobo barikingije kugira bashobore kugenda mu gihugu ca Reta zunze ubumwe ca Amerika, mu gihe abarundi bari mu kaga gakomeye, bakaba baguma baharura ababo bapfa ku musi ku musi kubera ico kiza.

Mumugambwe MSD bagafata ivyo biriko biraba nk’agahahazo k'abategetsi, uyo mugambwe ugaca usaba, amakungu gukora ibishoboka vyose kugira Reta y'uburundi yugururire imiryango ishirahamwe  ryitaho amagara y'abantu  kw'isi OMS riheze rifashe gukurikirana ivy'ico kiza mu Burundi cane cane ivy'isekeza ryo gucandaga abanyagihugu.

 

Muriryo tangazo ryashizweko umukono numukuru wuwo mugambwe Alexis Sinduhije, bavuga kandi ko hejuru y'inyuruzwa, y'ipfungwa ridakurikije amategeko n'ubwicanyi bwa buri musi bikorerwa abatavuga rumwe na Reta bikozwe n'umugwi w'inkorabara hamwe n'abajejwe iperereza, intwaro ya CNDD-FDD iriko irabuza ubu naho abarundi uburenganzira bwabo bwo kugira ubuzima.

Bakavuga ko imbere y'iryo bara, amakungu  atoguma areze amaboko    yitwaje  ubusugire bw'igihugu n'imbere y'inyifato y'ubwicanyi ishobora guhungabanya utwigoro tw'amakungu two kurandurana n'imizi ico kiza gikwiye isi.

Umugambwe MSD usozera itangazo ryabo uhamagarira abarundi kugira ico bafashije mu mutekano w'amagara yabo mukugira inyifato ibereye mugabo kandi bahaguruke mu mahoro bagwanire iburenganzira bwabo bwo kubaho hadasizwe inyuma umutekano wabo bariko babuzwa n'ikiza Covid-19.

 

Inkuru yanditwe na Don de Dieu Mbazumutima.

 

Partager cet article !