INYUMA Y’UMWAKA AFUNZWE ataco azira, UWAHOZE ARI UMUSHINGAMATEKA FABIyaNO BANCIRYANINO YAREKUWE.
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 01 Gitugutu umwaka 2021, uwahoze ari umushingamateka Fabien banciryanino aridegemvya. Akaba yari arangije igihano c’umwaka yari yaciriwe n’ubutungane bw’uburundi. Ivyo bikaba bibaye inyuma y’isemerera y’amashirahamwe atandukanye, yaba ayakorera mu gihugu eka mbere n’ampuzamakungu atahengeshanije gusemerera asabako uyo mushingantahe yorekurwa.
Fabien Banciryanino, nigihe yari amaze gushikanwa mu munyororo, yagumye atotezwa biteye ubwoba akatari gake kuko batasiba ku mupfungira ahantu hawenyene hamwe no ku mukubagura. Ivyo bikaba vyakorwa n’abatwara ibohero, hamwe n’abajejwe umutekano w’abanyororo.
Umushingamateka Banciryanino akaba yari yahagaritswe n’igipolice ku rugo rwiwe kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu umwaka 2020 igihe yariko aratanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, nkuko amategeko yabitegekanya akaba yategerezwa kurekurwa uno musi nyene kugira ngo akwize igihano yari yaciriwe kingana no gupfungwa umwaka wose.
Abatari bake bakaba bashima ko yashoboye kurekurwa naho mu vyukuri atakintu nakimwe yari yakoze coshobora gutuma amara umwaka wose apfunzwe kiretse ko yahowe ivyiyumviro vyiwe. Bamwe mubaharanira agateka kazina muntu bakamenyesha ko ubutungane bwari bukwiye kurekura n’abandi bagipfunzwe yamara bararangije ibihano babaciriye.
Hakaba hari abatanze uburorero bwabanywanyi b’umugambwe MSD bari bahagaritswe mu mwaka w’2014 kugeza nuno musi bagipfunzwe kandi ibihano bari babaciriye barabirangije. Bakavuga ko leta y’uburundi yarikwiye kwikubita agashi na cane cane abakorera mu gisata c’ubutungane.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.