Umugambwe MSD uvuga ko umugambwe CNDD-FDD ari wo uzobazwa ibibi vyose biriko biraba mu gihugu, ko bitazobazwa abakoloni basubije igihugu kuva mu mwaka w’1962.
Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu Abarundi bama bibuka Umuganwa atari Umugani Rudoviko Rwagasore yagandaguwe ahejeje guharanira intahe yo kwikukira. No kuri uyu wa 13 Gitugutu uyu mwaka uyo musi ukaba warahimbajwe. Umugambwe MSD ukaba warasohoye itangazo ryateweko umukono n'uwuwurongoye, Alexis SINDUHIJE, umenyesha ko wifatanije n'abarundi bose kubera ko uyu musi ushitse uburundi bugeramiwe n'ugutwarwa nabi n'abategetsi bahemutse ku ntumbero umuganwa Rudoviko Rwagasore yitangiye. Muri uyo mugambwe baributsa ivyo bari bavuze mw'itangazo ryabo ryo kuwa 13 Gitugutu umwaka w'2018 ko Rwagasore yagize ishaka ryo kurwanya abasuma ata kubabarira mu gihe umugambwe CNDD- FDD nawo washize imbere gusahura itunga ry'igihugu n'abanyagihugu wihetse ku butegetsi ufise.
Umugambwe CNDD- FDD ngo wagize uburundi ikirimbiro ry'ubwicanyi mpuzamakungu, uragurisha ubwigenge bw'igihugu ku batekamutwe b'ababeshi n'abicanyi b'ubwoko bwose. Muri uwo mwaka nyene w'2018, ivyo umugambwe MSD wavuze ngo nubu niko bikimeze, Evariste Ndayishimiye arongoye uburundi muri kino gihe ngo vyaramunaniye kurwanya no gutsinda abo bicanyi n'abatekamutwe mukubesha bakaba ari nabo bashinga amategeko mu Burundi. Ngo nibo kandi baha intumbero ibikorwa n'umugambwe CNDD- FDD. Ivyo navyo ngo bikaba bihushanye cane n'ico Rudoviko Rwagasore yitangiye.
Muri iryo tangazo ry'umugambwe MSD ryasohotse kuri uyu wagatatu, bavuga ko umugambwe CNDD- FDD ari wo wonyene uzobazwa ibibi vyose biriko biraba mu gihugu, ngo ntibizobazwa umukoloni yasubije ivy'igihugu kuva mu mwaka w’1962 ubu hakaba haheze imyaka 60. Ariko kandi umugambwe CNDD- FDD ukaba uguma ibibi vyose biba mu Burundi ubita ku bakoloni. Ngo nkuko umugambwe MSD wabivuze haraheze imyaka itatu, vuba cane abanyagihugu, mu gateka kabo Rwagasore yaharaniye, bazohaguruka baririmbe indirimbo y'igihugu: Burundi bwacu aba CNDD- FDD bibaza kobakuyeho kandi yibereye mu mitima y'abarundi, bazokwikurako intwaro y'ubwicanyi ihari.
Inkuru yanditswe na Mbazumutima Don de Dieu