• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kuvuga ko umugambwe CNDD-FDD woba ufise imbono yiyo ujana igihugu ko kandi wubahiriza agateka ka zina muntu ngo nibara ku mutemere mu gihe agateka ka zina muntu kadasiba guhungabana mu Burundi.

Kuvuga ko umugambwe CNDD-FDD woba ufise imbono yiyo ujana igihugu ko kandi wubahiriza agateka ka zina muntu ngo nibara ku mutemere mu gihe agateka ka zina muntu kadasiba guhungabana mu Burundi.

Naho abanyagihugu bari mu bukene bwokora amakara bugata, CNDD-FDD yoyo ntampuhwe igira zo gutegeka abanyagihugu kuyishikanira ku nguvu. Ivyo bikaba vyaraye bibonekeye mw’ikoraniro uyo mugambwe wari watunganije mu ntara ya Ngozi kuri uyu wagatandatu. Muriryo koraniro, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Réverien Ndikuriyo yamenyesheje abaraho ko umugambwe arongoye, ufise imbono yiyo ujana igihugu ko kandi wubahiriza agateka ka zina muntu. Kuri ivyo abanyagihugu bati nibara ku mutemere kumva ko CNDD-FDD yubahiriza agateka ka zina muntu mu gihe agateka ka zina muntu kadasiba guhungabana mu Burundi.

 

 

Kuri uyu wa gatandatu umugambwe CNDD-FDD wari uramutse utunganya ibikorwa vyawo mu ntara ya Ngozi.  Ibikorwa bavuga ko vyari bigamije kwakira abanywanyi bashasha. Muriryo koraniro Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Réverien Ndikuriyo yamenyesheje abo yise abanywanyi bashasha yariko arakira ko ngo binjiye mu mugambwe ufise imbono y'iyo ujana igihugu ko kandi umugambwe CNDD-FDD ngo wubahiriza agateka kazinamuntu. Kurikira Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Réverien Ndikuriyo hakaba hari kuri uyu wa gatandatu muri Komine Kiremba intara ya Ngozi. 

 Abanyagihugu bumvise ivyo vyashikirije nuwo arongoye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi bamenyesha ko ari ibara ku mutemere kumva umugambwe  CNDD-FDD wubahuka kuvuga ko  wubahiriza agateka ka zina muntu, mugihe agateka ka zina muntu mu Burundi gahungabana Ku musi Ku musi.  Ngaha bakavuga inyuruzwa n'ihohotera vyirirwa birakorwa n'inzego zijejwe umutekano zifadikanije n’urwaruka rw’imbonerakure.  Bati nta hantu na hamwe wohera mukuvuga ko reta ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD  yubahiriza agateka ka kiremwa muntu.

 Murivyo bikorwa vyuwo musi kandi abagumyabanga bari bategetswe gushikanira umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD inka, impene, inkoko ibiharage eka ikintu cose no kugeza ku biti vy’imisigati. Imbonerakure zikaba zari zimaze imisi zinyagaza imihana y' abanyagihugu bo mu makomine yose agize intara ya Ngozi, zibahimiriza kurondera ivyo bazoshikana muriyo nama. Sivyo gusa, abanyagihugu kandi bategekwa gutanga intererano zo kugura inka zizotangwa. Bamwe mu bagumyabanga twaganiriye bamenyesheje ko batabitanga kubera urukundo bakunda uwo mugambwe ngo ahubwo n'ugucungura agahanga ngo kuko basanzwe bari mu bukene butagira uko bungana. Abo bagumyabanga cokimwe n'abandi banyagihugu bamenyesha ko ibikorwa vyose vya CNDD-FDD vyerekana ko abategetsi bakomoka muri uwo mugmbwe ata mpuhwe na nkeya bafitiye abanyagihugu.

 Nayo mugihe mur'uwo mugambwe barajwe ishinga no kurondera umwambaro w’abagumyabanga, ngo kugira ngo gushika mu mwaka w'2025 hazoshike ata mugumyabanga numwe aboneka adafise umwambaro wuwo mugambwe, abanyagihugu babifata ko vyerekana ko umugambwe CNDD-FDD ata migambi ufise yo kwubaka uburundi no guhindurira ubuzima abanyagihugu, bati kuko bategerezwa kurazwa ishinga no gukiza abanyagihugu  bishwe n'inzara gusumba kurazwa ishinga no kubaronderera imyambaro bambara gusa mugabo batubitse uwavubi.

Yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA

Partager cet article !