• Home
  • ACTUALITÉS
  • leta y’uburundi, ngo ntiyari ikwiye kugurira imiduga izimvye abayobozi b’indero mu ntara mugihe abana b’uburundi mu bice bitandukanye vy’igihugu, biga bicaye hasi kubera ubukene bw’intebe zo kwicarako mu mashure. Ngo nukutamenya ivy'abanyagihugu bakeneye

leta y’uburundi, ngo ntiyari ikwiye kugurira imiduga izimvye abayobozi b’indero mu ntara mugihe abana b’uburundi mu bice bitandukanye vy’igihugu, biga bicaye hasi kubera ubukene bw’intebe zo kwicarako mu mashure. Ngo nukutamenya ivy'abanyagihugu bakeneye

Umukuru w’igihugu ngo nareke kwama ariko arahenda abarundi ko ariko arakora ku nyungu z’abanyagihugu batobato, ngo kuko ivyaguma akora bigaragaza ko intwaro yiwe ataho itandukaniye nizindi ntwaro abarundi bavuga ko zabakoreye amahano. Ivyo abanyagihugu bariko barabivuga inyuma yaho Evariste Ndayishimiye ashikiririje amamodoka hamwe n’ama machine Nyabwonko abarongoye indero mu ntara zose, mugihe abana b’uburundi mu bice bitandukanye vy’igihugu biga bicaye hasi kubera ubukene bw’intebe zo kwicarako mu mashure. Bamwe bati leta y’uburundi, yarikwiye guhera ku vy'abanyagihugu bakeneye gusumba ibindi niyaba itabikora ibibona mu kutitaho ingorane z'abanyagihugu nkuko yama.

 

Abavyeyi barereye ku mashure atandukanye yo mu ntara zitandukanye z’uburundi co kimwe n’abarezi, baramaze iminsi basemerera bongera basaba umuntu wese yoshikana ijwi kure , kuvugira abana b’uburundi muri kino gihe ngo bicara mu mukungu wohasi kubera kubura intebe zo kwicarako mu masomero. Ivyo vyarabonekeye ku mareresi atandukanye yagiye arerekanwa yerekana ingene abo banyeshure bicara hasi, abandi nabo bakaba baboneka bicaye ku mabuye canke ku matafari. Ntako abayobozi b' amashure batagize mu gusaba no mu gusemerera kugira ngo ikibazo c' amashure barongoye  gishobore gushika kure,ariko nubu, ntakirakorwa.

Mugihe abo banyagihugu bari bakirindiriye inyishu bafise nibizigizigi ko kumbure leta ishobora gutora inyishu yico kibazo co kurondera intebe abo bana buburundi bo kwicarako, abo banyagihugu ngo baraye bumiwe aho baboneye ko kuri uyu wagatanu Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’uburundi ashikiririje amamodoka hamwe n’amamachine Nyabwonko abarongoye indero mu ntara zose. Ibirori vyo gushikirizwa izo modoka bikaba vyabereye ku murwa mukuru wa politique Gitega.

Muri kino gihe abanyagihugu bakaba biyumvira nyamba vyukuri leta y’uburundi yoba izi gutandukanya imigambi yarikwiye gukorwa imbere y’iyindi kandi abanyagihugu bakeneye, mugabo bikabasiga. Akarorero batanga nak'izo modoka ziheruka gushikirizwa abo bayobozi b’indero mu ntara z’uburundi, aho tugerageje kuraba agaciro kizo modoka, usanga ku modoka imwe yonyene bivurwa ko yoba igurwa amafaranga agera ku bihumbi 60.000 vy’ama dollars y' abanyamerika, ayo nayo , tugerageje kuyashira mu marundi ufatiye kubiciro idollari rivunjwa uno musi ayo mahera ararenga imiriyoni 204.000.000 ku modoka imwe gusa.

 Ngaho rero abanyagihugu bakiyumvira nimba koko icari cihutirwa gukorwa kwari ukugura imodokari zifise agaciro kangana gutyo mugihe hariho n’izindi modoka zikomeye kandi zigurwa igiciro kigerereranye, yamara ntibasobanukirwe.

 Abanyagihugu rero na cane cane abavyeyi twashoboye kwegera ngo tuganire, batubwiye ko  Umukuru w’igihugu ngo yarakwiye kureka kwama ariko arahenda abarundi ko ariko arakora ku nyungu z’abanyagihugu batobato ngo kuko ivyaguma akora bigaragaza ko intwaro yiwe ataho itandukaniye nizindi ntwaro abarundi bavuga ko zabakoreye amahano. Bakaba bibutsa ko kubahuka kugurira amamodokari abayobozi b’indero mugihe murico gisata nyene abanyeshuri bicara hasi mu mumukungugu kubera ubukene bw’intebe mu masomero, ngo atakindi bisigura kiretse kutitaho no kutitwararika amagorwa n’ibibazo vy'abanyagihugu.

 Hari n’abamwe murabo banyagihugu batubwiye ko bitari bibi kugurira imiduga abayobozi b’indero mu ntara ngo kuko vyari bikenewe ,Bati mugabo leta nyimba koko ari leta y ‘abanyagihugu ikunze no kwiyita mvyeyi, yategerezwa kuraba ibibereye gukorwa imbere y'ibindi ifatiye kuvyo abanyagihugu bakeneye gusumba ibindi. Basozera bamenyesha ko ikimaze kugaragara aruko leta irajwe ishinga no gusayangana gusa,hamwe no kuzuza imifuko yabo, ngo kikaba ari naco gituma ibikora gutyo. Bati kwihutira imiduga n'ukurondera  iyo birirwa barajana mubikorwa vy’imyiyamamazo y’umugambwe CNDD-FDD bayitwayemwo n’imbponerakure canke iyo miduka igakoreshwa mu kunyuruza abanyagihugu batavuga rumwe na CNDD-FDD ataco bazira.

 

Inkuru yanditswe na Aline Munezero.

Partager cet article !