• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umugambwe MSD urahoza imiryango yaburiye ababo mw'ibohero rikuru rya Gitega biturutse kw'isanganya ry'umuriro.

Umugambwe MSD urahoza imiryango yaburiye ababo mw'ibohero rikuru rya Gitega biturutse kw'isanganya ry'umuriro.

 

Kuri uyu wa 08 Kigarama 2021, umugambwe MSD warasohoye itangazo, ku vyerekeye ibohero rikuru rya Gitega ryahiye rigatokombera kuri uyu wa 07 Kigarama 2021,  uwo mugambwe ukaba wamenyesheje ko ubabajwe cane nivyo vyabaye aho reta ivuga ko hapfuye abantu 38 mu gihe abandi bavuga ko abahitanywe n’uwo muriro bagapfa barenga 200. Umugambwe MSD ukaba wavuze ko wifatanije  mu mubabaro n’imiryango yaburiye ababo muri iryo bohero .

Nkuko biboneka muriryo tangazo ryateweko umukono n’umukuru w’uwo mugambwe Alexis SINDUHIJE, ngo naho ivyatumye iryo bohero risha bitashoboye kumenyekana, ngo iryo sanganya ryibutsa ingorane zama zashikirijwe n’abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abandi bose barajwe ishinga n’ibijanye n’umutekano mu mabohero. Muri uwo mugambwe bakaba bongerako ko kuva kera na cane cane umugambwe CNDD-FDD umaze gushika ku butegetsi, ko umutekano w’abapfungwa wasubiriwe na politike mbi kandi y’agahahazo yo gupfungira abantu ubusa bituma amabohero yuzura ata gituma gifashe. 

Ku bw’uwo mugambwe bakavuga ko amabohero  atuzuyemwo abantu kubera ko mu Burundi ariho hari abicanyi n’abataye umurongo mu bintu bitandukanye basumba abahandi kw’isi, ngw’ariko ni benshi muri ayo mabohero kubera ko hariho abayarimwo kandi batategerezwa kuba bayarimwo. Muri abo batategerezwa kuba bari mu mabohero umugambwe MSD uvugamwo abapfunzwe bazira ivyaha bitobito bitotuma bapfungwa ariko bagahabwa ibindi bihano, hamwe n’abapfungiwe ivya politike kandi ngo n’ikibabaje gusumba kuri bo harimwo n’abahejeje ibihano baciriwe ariko bagumijwe mu mabohero  n’ugushaka kw’igikenye c’umugambwe CNDD-FDD.

Mu guheraheza iryo tangazo umugambwe MSD umenyesha ko iryo bara ryaraye ribaye mw’ibohero rikuru rya Gitega ryategerezwa  gutuma kwiyumvira kwa bamwe mubafasha uburundi bashaka kunagura imigenderanire bitwaje ico bita akarusho ngo kahari mu vyerekeye iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Abo bantu ngw’ahubwo bategerezwa guhagarara ku kwumvisha umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE ko ibikorwa vyo nyene arivyo vyemeza abantu uturusho tuhari hamwe no gufata iryo bara ryabaye i Gitega nk’ishure ryo gupima ivyirwa Varisito Ndayishimiye ashobora gukuramwo.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA

Partager cet article !