Ibiganiro bidakumira vyoyihuza n’imirwi itandukanye y’abarundi, abafashe umuheto n'abatawufashe ngo nivyo bizotuma igihugu kitabandanya kija mu ntambara.
Umugambwe MSD wasubiye gutera akamo leta ya CNDD-FDD ngo yisubireko yemere ibiganiro bidakumira vyoyihuza n’imirwi itandukanye y’abarundi, nukuvuga abafashe umuheto hamwe n'abatawufashe ngo kuko arivyo bizotuma igihugu kitabandanya kija mu ntambara. Ivyo uyo mugambwe ukaba ubishikirije inyuma y’intambara zimaze iminsi zihuza igisirikare c’uburundi n’abarwanyi ba Red-Tabara, intambara bivurwa ko zimaze guhitana abasoda batari bake b’uburundi.
Mwitangazo umugambwe MSD waraye usohoye kuri uyu wambere igenekerezo rya 10 Nzero 2022, uwo mugambwe utangura ugira uti : Nkuko vyari vyitezwe, ihonyangwa na CNDD-FDD ry'amasezerano ya Arusha n'ishirwaho rya politike y'igitugu vyabandanije kugumiza uburundi mu ngwano. Bati igenzurwa ry'igihugu rikorwa n'urwaruka rwegamiye umugambwe uri Ku butegetsi CNDD-FDD rwitwa "Imbonerakure", ipfungwa rinyuranye n'amategeko ry'abatavuga rumwe na Leta rya misi yose hamwe n'ibihumbi n'ibihumbi vy'abataye igihugu bagahunga ntivyaciye intege abanyagihugu mukubandanya birwanira.
Mu mugambwe MSD babandanya bavuga bati, nkuko vyabaye kenshi muri kahise, imbere y'intwaro z'igitugu n’umukazo, nubu hari igice c' abanyagihugu bahisemwo inzira yo gufata umuheto kugira barwanye iterabwoba rikorwa na Leta ihari ya CNDD-FDD. Bakavugako ngo haheze amezi, hibonekeza itana mu mitwe hagati y'umuhari Red-Tabara n’igisirikare c’uburundi, intambara ziguma ziyongera mu gihugu hagati hamwe n'inyuma yaco. Ngo kubw'amasoko y'inkuru y’umugambwe MSD, ngo ibitero vyo mu gatumba no mu kayanza, mu kwezi guheze vyatumye abasirikare benshi bapfa ku ruhande rw'igisirikare c'uburundi.
MSD kandi ikavuga ko n'ingingo ya CNDD-FDD yo gutuma ikibazo kirenga imbibe mu kwinjira ku butaka bw'igihugu kibanyi ca Congo kurwanya abarwanyi ba Red-Tabara ntituma haba ihungabana ry'umutekano w'akarere gusa ahubwo ituma hapfa n'abantu. Muri MSD bakavuga ko amakuru bafise ku bijanye n'intambara ziriko zibera mu misozi miremire ya Kivu y'ubumanuko mu gihugu ca Congo zimaze guhitana abasirikare ijana b'uburundi hamwe n' abandi benshi bamaze gukomereka.
Nkuko biboneka muri iryo tangazo ryasohowe n’umugambwe MSD rikaba ryanateweko umukono n’umukuru w'uwo mugambwe nyene Alexis Sinduhije, bavuga ko kubera ivyo vyose bamaze kudondagura, uwo mugambwe usubiye gutera akamo intwaro ya CNDD-FDD ngo yisubireko. Ku bw'uwo mugambwe ngw' ibiganiro vyonyene bidakumira hamwe n'abatavuga rumwe na CNDD-FDD, abafashe umuheto n'abatawufashe nivyo bishobora guhagarika ko igihugu kibandanya kuguma mu ntambara. Umugambwe MSD ugasaba umuryango w'ibihugu vya Africa y'ubuseruko, Ubumwe bwa Africa hamwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU gufasha biciye mu vy'imigenderanire kugira Reta y'uburundi yemere ibiganiro bidakumira mu ntumbero yo gutunganya amatora yizewe Kandi abera ku mugaragaro.
Mu gusozera iryo tangazo, umugambwe MSD uvuga ko amakungu ategerezwa kwibuka ko ariyo ahagarariye amasezerano ya Arusha Kandi ko kubera ico, afise igikorwa n'uburyo bwo gukora kugira akingire abarundi amabi bakorerwa na CNDD-FDD.
Inkuru yanditswe na MBERAMIHIGO Jean Marie