Umuryango wa Médard Nsabamahoro yabuzwe irengero kuva kuwa 21 uvuga ko usa n'uwatakaje icizere wari wahawe n’umukuru wa karitiye Nyamugari Aho yabaremesha ababwira ko yahagaritswe ku mvo z'amatohoza ariko kugeza ubu bakaba batazi akayambu kuwabo.
Uwo munyagihugu Médard Nsabamahoro yabuzwe irengero kuva kuwa 21 Munyonyo umwaka twaraye dusozereye, akaba yari yafashwe n’aba polisi Burundi bamukuye muri karitiye Nyamugari iri mu ntara ya Gitega, Umuryango wiwe umenyeshako usa n'uwatakaje icizere wari wahawe na Majaliwa Ndayisaba umukuru wa karitiye Nyamugari yari yabaremesheje ababwira ko yahagaritswe ku mvo z'amatohoza ariko kugeza ubu bakaba batazi akayambu kuwabo.
Umuryango wiwe ukaba uvuga ko igihe ivyo vyaba, umukuru wa karitiye Nyamugari Majaliwa Ndayisaba aho uwo muyabaga yanyururijwe yarasanzwe aba, ngo yari yababwiye ko atanyurujwe ko ahubwo yahagaritswe n'abakozi b'iperereza kumvo z'amatohoza, ariko murico gihe ngo akaba atatomoye neza amatohoza yariko arakorwako ayariyo. Ivyo akaba arinavyo yari yabwiye uruganda rwa Radio-Haguruka igihe uwo munyagihugu Médard yanyuruzwa. Ariko rero naho biruko umuryango wiwe uremeza ko utarigera uronka amakuru yiwe kuva anyurujwe.
Abaryango biwe co kimwe n’abagenzi n’ababanyi, bakaba basaba Leta ya Evariste Ndayishimiye gukora amatohoza yigenga ihereye kuri uyo mukuru wa karitiye Majaliwa Ndayisaba kugira bashobore kwerekwa uwabo aho yobapfungiwe ngo nimba koko yoba akiri. Nayo abarundi bumvise akababaro kuwo muryango wa Médard Nsabamahoro bakaba bavuga ko Leta ya CNDD-FDD ifise umugambi wokumara abarundi hamwe batofatana munda bakayikurako hakiri mu maguru mash
Inkuru yanditswe na Alice MUKESHIMANA.