• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hari umukenyezi yaraye arusimvye adandariza ivyamwa inyuma y'ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura yakubiswe agashaya n'abajejwe umutekano mu gitondo c'uwu wa kane gushika aho atakaza ubwenge.

Hari umukenyezi yaraye arusimvye adandariza ivyamwa inyuma y'ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura yakubiswe agashaya n'abajejwe umutekano mu gitondo c'uwu wa kane gushika aho atakaza ubwenge.

 

Hari mu gitondo co kuri uyu wa kane igihe Umwe mu bakenyezi badandariza ivyamwa inyuma y'ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura yakubitwa buyoka  imigere yibirato n'abajejwe umutekano. Murako kanya ivyamwa yariko aradandaza vyarasanzajwe, nawe yamburwa agashambara abantu barorera kandi mubariko bararorera hakaba harimwo n’abangana nabana yavyaye. Imvo itangwa nabo bapolisi b’igihugu c’uburundi ba Leta mvyeyi leta nkozi ya Evariste Ndayishimiye ngo nukugira bareke gukorera muri ico kibanza co kimwe no mubindi bibanza vyegereye aho hantu.

Sibwo bwambere abo bakenyezi bakubitirwa murico kibanza nkuko vyama vy’ibonekeje bariko barirukwako n'abapolisi nk'inkoko n'akagomba, uko bukeye uko bwije. Sivyo gusa ibidandazwa vyabo biratwarwa nabo bapolisi ku kirindiro c'ahitwa kuri Sogemark, bagaheza mukubisubizwa bagasabwa amafaranga ari hagati y'ibihumbi bibiri na bitanu vy'Amarundi. Yamara hari nabahitamwo kubiheberayo kuko basabwa amahera asumba ayashobora kuva murivyo bidandazwa bigaheza bikababaza abo bakenyezi yamara bakabura uko bari bubigenze nkuko bivurwa nabo bakenyezi nyene. 

Ibishikira abo bakenyezi rero bikaba bibaza abarundi batandukanye bo mu mirwi kandi itandukanye, eka nabamwe mu bamenyeshamakuru bakaba babazwa nibishikira abo bakenyezi nkuko tubibona ku mumenyeshamakuru yanditse iyo nkuru kukimenyeshamakuru La Nova Burundi aho yagize ati : Nduguruye twamugina « Bapolisi abavyeyi nkabo ni ukububaha, utwo mubona batembereza ku mutwe tugaburira umuryango, iyo mudusanzaje hari abana barara ubusa. Ntariko arondera amafaranga yo gusorora, ariko arwana kugira ngo abana barare bafunguye. Nta bugabo mwerekana mukuvunagura umuvyeyi, nta butwari burimwo, nta teka bibaha. Ibuka nyoko yakureze iyo hageze gukubita umuvyeyi nk'uyo, ibuka amarira yoba yararize ijoro yoba yarabuze ico agufungurira » Ndugaye twamugina.

Mugihe ivyo bibaye mugihe Umukuru w'Igihugu c’uburundi Evariste NDAYISHIMIYE yaheruka kumenyesha ko abapolisi bahohotera abantu aricaha, aho wamenga yabishikirije nkuwuvyiyamiriza. Bamwe mubanyagihugu bobo cokimwe nabo bakenyezi bamenyesha ko ivyo umukuru w’igihugu yashikirije taco bimaze ngo kuko yabivuze yamara ntiyigere afata ingingo ihagarika benubwo bukozi bw’ikibi bigaheza bikabandanya gukorwa ukuri kwamye. Abo bakenyezi bakorana nuyo mukenyezi yaraye arusimvye bati umukuru w’igihugu natugarukire kuko turiko turahohoterwa tutagira gitaba. Bati tuzindura harya hahora isoko kurondera igishobora gutunga imiryango yacu.

Inkuru yanditswe na Kamikazi Jeannette.

Partager cet article !