• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umugambwe MSD uvugako insiguro zatanzwe n’umuryango wa Bulaya mu gukura ibihano ku Burundi ko zitagira ifatiro.

Umugambwe MSD uvugako insiguro zatanzwe n’umuryango wa Bulaya mu gukura ibihano ku Burundi ko zitagira ifatiro.

 

 

Nkuko tubisoma mw’itangazo ryasohowe n’umugambwe MSD, uwo mugambwe utangura uvuga uti : Kw' igenekerezo rya 08 Ruhuhuma 2022, umuryango w' ibihugu vya Bulaya warafashe ingingo yo gukuraho  ingingo yari yafashwe mu mwaka wa 2016 ihagarika imfashanyo y' amafaranga uwo muryango wahora uha  inzego zitandukanye z' uburundi ata handi ibanje gucishwa, bitewe n' ihonyangwa rikabije ry' agateka ka zina muntu ryakorwa nizo nzego. 

Muriryo tangazo, baragaruka kunsiguro zatanzwe n’ubumwe bwa Bulaya bakavuga bati : Umuryango w' ibihugu vya Bulaya umenyesha kw'iyo ngingo yashitsweko ivuye mu biganiro vya politike vy'amahoro vyatanguye mu gihe c' amatora yo muri Rusama 2020, ingingo izanira icizere gike abarundi, ayo matora nayo akaba yakumiriye abandi aho mbere n'iryo shirahamwe rya Bulaya ryankiwe kuyakurikirana nk' indorerezi, ikindi iryo shirahamwe rivuga kw' iyo ngingo yafashwe kubera intambwe yatewe na Reta y' uburundi mu vyerekeye agateka ka zina muntu, intwaro ibereye hamwe n' ukwubahiriza amategeko. 

Muri MSD bakaba bamenyesha ko ku bavyihweza, ivyo vyose vyashikirijwe n'ishirahamwe ry'abanyabulaya mugusigura iyo ngingo ryafashe, ngo nta fatiro ry'ukuri bifise, ngo kuko biravuguruzanya, bakavuga ko ivyemezo bigaragara bivyerekana, ari ivyirigwa biraba ku musi ku musi mu Burundi. Muri MSD bati Abarundi bagiye kubandanya bacinyizwa bitewe intege n'amafaranga y'ishirahamwe ry'abanyabulaya, amafaranga yatumye mbere n’imbonerakure zitamba mu mabarabara kuva hatangajwe iyo ngingo. Muri MSD bakibutsa ko izo mbonerakure ari nazo kandi  no mu bihe biheze zihereje amabarabara zikoma induru ko zidakeneye amafaranga y'abakoroni igihe ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya rihagarikiye imfashanyo y'amafranga mu mwaka w' 2016.

Kubw’umugambwe MSD, ngo Umurundi wese atari imbonerakure canke uwukurikiranira hafi ivy'uburundi ashobora kwibaza  ku bituma vy'ukuri n'intumbero yico kintu ishirahamwe rya Bulaya ryaraye rikoze. Ariko muri MSD bagasigurako iyo ngingo ngo ari ukwihenda ku ngendo y'ubutegetsi ngo hamwe no kuba iryo shirahamwe ryongereje inguvu zikenewe mukubandanya bukora amabi yabwo.

Bakabandanya bamenyesha ko ico kibazo ngo arinkoramutima  ku muntu wese adashobora kwirengagiza amanyanga ya CNDD-FDD mukwiba imfashanyo ku nyungu z'imigambi yayo yo gukora amarorerwa. Uburorero ngo ni bwinshi kandi n'abatanga imfashanyo zabo z'amafranga ngo ntibazoshobora gukurikirana neza ivy'imfashanyo zabo  kuko bidashoboka mu Burundi.

Mukurangiza iryo tangazo ryateweko umukuno n’umukuru wuwo mugambwe Alexis Sinduhije, umugambwe MSD umenyeshako intumbero iyari yo yose y'ikugwaho ry'ivyo bihano, umugambwe MSD ngo uzobandanya ata gucika intege n'ishaka urugamba rusaba iyubahirizwa ry'amasezerano ya Arusha, ishirahamwe rya Bulaya ngo biboneka ko ritacibuka ko ryayahagarariye, ngo ni nayo azosubiza abarundi ubwigenge bwabo.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !