• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ya myiyerekano yategurwa n’Abarundi baba ku mugabane wa buraya mu gihugu c’ububirigi yo kwiyamiriza urugendo rwa Ndayishimiye Evariste umukuru w’igihugu c’uburundi, ngo n’intibukuka kuri uyu musi.

Ya myiyerekano yategurwa n’Abarundi baba ku mugabane wa buraya mu gihugu c’ububirigi yo kwiyamiriza urugendo rwa Ndayishimiye Evariste umukuru w’igihugu c’uburundi, ngo n’intibukuka kuri uyu musi.

 

 

Nkuko bimaze imisi bivurwa, Abarundi baba ku mugabane wa bulaya barateguye imyiyerekano yo kw’iyamiriza urugendo rw’umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye amazemwo imisi  ibiri aho yari yitavye inama igira gatandatu  yahuza ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika  hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa bulaya.

Iyo myiyerekano bitegekanijwe ko iza kuba kuri uyu wa gatandatu  guhera isaha indwi gushika isaha icenda z’umuhingamo. Abo barundi bakaba bategekanya guhurira ku cicaro gikuru c’umuryango w’ubumwe bwa bulaya kiri i Bruxelles mu Bubirigi nkuko vyamenyeshejwe nabo barundi bari mu myiteguro yiyo my’iyerekano.

Mumakuru uruganda rwa Radio Haguruka rwagiye ruraronka kuva iyo myiteguro igitangura, nuko leta y’uburundi ngo yatewe umutima uhagaze niyo myiyerekano, aho yaciye itangura gutera ubwoba yongera ica kubiti no ku mabuye ibicishije ku rwego rw’iperereza mu gutera ubwoba bamwe mu barundi baba ngaho i Burayi kuwuzohirahira akitaba iyo mwiyerekano umuryango wiwe uri mu Burundi uzokwibonerako.

Ariko naho biruko, abo barundi baba ku mugabane wa Bulaya bobo bamenyesha ko ari ntibukuka ko bategerezwa kugaragaza akababaro kabo mu kugira imyiyerekano yo kwerekana ko batarota bemera ibikorwa bikorerwa abarundi na leta ya CNDD-FDD. Abayiteguye bakaba basaba leta y’uburundi guhagarika kw’ica abarundi, guhagarika kubatoteza, kubahohotera no kureka gufata ku nguvu abakenyezi n’abigeme, guhagarika imyimenyerezo ya gisirikare ikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure, gutunganya vuba bwango ibiganiro vyohuza Abarundi bose mu ntumbero yo gutorera inyishu irama ibibazo bihanze uburundi hamwe n’ibindi.

Ikiriko kiribikoneza murico gikorwa n’uko arigikorwa kibonetsemwo umwumvikano n’ubumwe ku mirwi itandukanye y ‘abarundi baba kuri uwo mugabane wa Bulaya, aho aba nye politique, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique, abamenyeshamakuru n’abatari mu migambwe bahuriza kugikorwa kimwe atanumwe asigaye inyuma nkuko amakuru dukura ku mpande zose abivuga.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !