• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hagenwe umwungere mukuru Mushasha wa Diyoseze katolika nkuru ya Gitega.|

Hagenwe umwungere mukuru Mushasha wa Diyoseze katolika nkuru ya Gitega.|

 

Nkuko biboneka mw’itangazo ryashizwe ahabona, Umwungere w’ishengero rya Katolika kwisi Papa Francisco yagenye Bonaventure Nahimana, kuba musenyeri mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, akaba agiye gusubirira Musenyeri Simoni Ntamwana yahora arongoye iyo Dioseze. Ivyo bikaba bibaye inyuma y'ukwemera itangwa ry'imihoho ryari ryasabwe na Musenyeri Simoni Ntamwana kubera imyaka afise.

Umwungere mukuru Mushasha wa Diyoseze katolika nkuru ya Gitega Bonaventure Nahimana avuka muri paruwase Giheta, muri komine Giheta mu ntara ya Gitega. Agenwe murayo mabanga mugihe yarasanzwe ajejwe amabanga atandukanye muri Ekereziya katorika. Ubu akaba yaramutswa Diyoseze katorika ya Rutana, mu bumanuko bw'Uburundi.

 Radio Haguruka ikaba imwifurije kuroranirwa mu mabanga mashasha agiye kurangura.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !