• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abanyagihugu, basaba abasirikare barungikwa mu gihugu ca Congo, aho kurwanya abasirikare ba Red-Tabara ko ahubwo bokwifatanya nabo, hanyuma bagatabara Abarundi.

Abanyagihugu, basaba abasirikare barungikwa mu gihugu ca Congo, aho kurwanya abasirikare ba Red-Tabara ko ahubwo bokwifatanya nabo, hanyuma bagatabara Abarundi.

Haraciye igihe havurwa amakuru y’abasirikare b’igihugu c'uburundi bajabuka mu gihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo ku rwana n’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara usanzwe urwanya leta ya CNDD-FDD, ariko iyo leta ikagarama ikarengwa ko atabasirikare bayo bariyo. Ariko naho biri uko, bamwe murabo basirikare birirwa barashorerwa nk’intungwa murico gihugu basubiriye gutabaza bavugako ivyo bariko barakorerwa biteye ubwoba.

Nkuko rero amakuru Radio-Haguruka yashoboye gutohoza abivuga, abo basoda bakurwa mu makambi atandukanye, bakegeranirizwa ahantu imbere yuko bagenda, bakakwa ama telefone ngendanwa yabo bakigishwa ko ivyo bagira bajemwo vyo kurwanya umwansi ari ibanga ridasanzwe, bakabwirwa kandi ko bazojabuka muri congo bambaye umwambaro usanzwe (Tenue civile mukinyamazuru).

Abo basirikare baba batoranijwe, murico gihe ntibaba bagifise uko bashobora gusezera  imiryango yabo  kuko baba batswe amaterefone. Umwe murabo basirikare yayaze na Radio-Haguruka naho bitari vyoroshe, yaratwiganiyeko ivyo barimwo muri kino gihe ko biteye agahinda. Ikindi yongeyeko ngo ni uko intonde zabaja murico gihugu ca Congo ngo zikorwa hisunzwe ubwoko aho bashirako abatutsi benshi. Akarorero yatanze akaba avugako kurutonde uhereye kuva kumuntu wambere gushika kuri bane bambere ngo babwirizwa kuba ari  abatutsi, ngo bagaheza bagashiramwo umuhutu akaza ubugira gatanu .

Nayo ngo kugira bikunde uve kururwo rutonde,  ngo usabwa  igiturire c'amafaranga y’amarundi ari hagati yibihumbi amajana atanu (500) n'umuliyoni (1.000.000). Murico gihe ngo umuntu ayaronse aca abona gusubizwa mw'ikambi aba avuyemwo nkuko twavyiganiwe nuwo musirikare nyene. Abo basirikare babandanya bavugako  leta ya CNDD-FDD ngo iriko irabahonereza kw’icumu ngo kuko uwugiye muri izo ntambara zibahuza na Red-Tabara mugihugu ca Congo ngo aba afise amahirwe make yo kugaruka. Bagatabaza bavugako ababishoboye bobafasha kubishira hejuru ngo kuko n’uwupfiriyeyo umuryango wiwe udaheza ngo ubimenyeshwe.

Tubamenyeshe ko abanyagihugu bobo babandanya basaba abasirikare kurya umutima amenyo, ngo ntibanke gukwirikiza amategeko bahabwa n’ababatwara, ariko ngo bamaze kujabukayo ngo aho kuja kurwanya nabo barwanyi ba Red-Tabara, ngo ahubwo nyabuna ngo nibifatanye nabo barwanyi ba Red-Tabara ngo baheze bitegure bose hamwe kugaruka mu gihugu cabo camavukiro ngo batabare abarundi bagowe ay'ikivumvu nkuko abo banyagihugu bavyiganiye bagenzi bawu.

Inkuru yanditswe na King Blaise Iranzi.

Partager cet article !